IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Igihugu c’Ubudagi gisaba Reta y’Uburundi kubandanya ishira mu ngiro (...)

Igihugu c’Ubudagi gisaba Reta y’Uburundi kubandanya ishira mu ngiro amasezerano ya Arusha

vendredi 18 mai 2018

Mw’itangazo umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Ubudagi n’ayandi makungu yashikirije kur’uno wa gatanu igenekerezo rya 18 Rusama 2018, amenyesha ko ayo matora yaciye kubiri n’utwigoro tw’ibihugu bibanyi vy’Uburundi, ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika, Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, mu gutorera inyishu ya poritike ikibazo c’Uburundi.

Iguhugu c’Ubudagi kimenyesha ko kuva hatanguye indyane za poritike mu kwezi kwa Ndamukiza 2015, mu Burundi harangwa n’isinzikazwa ry’agateka ka zina muntu ku batavuga rumwe na Reta, kandi ko abarundi ibihumbi 420, bahunze igihugu.

Muri iryo tangazo, igihugu c’Ubudagi kimenyesha ko zimwe mu ngingo zahinyanyuwe mw’ibwirizwa nshingiro zivuga ibihushane n’ibiri mu masezerano y’amahoro ya Arusha, yatumye intambara zari zimaze imyaka myinshi zihagarara.

Igihugu c’Ubudagi kikavuga ko hamwe ibwirizwa nshingiro rishasha ryemejwe kandi ridashingiye ku vyiyumviro vya bose n’umwumvikano w’impande zose za poritike, bishobora gutuma igihugu gisubira mu ndyane.

Igihugu c’Ubudagi kigahamagarira Reta y’Uburundi kwemera ibiganiro bihagarikiwe n’akarere la Afrika y’Ubuseruko, kandi ishire mu ngiro ibishoboka vyose kugira ivyo biganiro bishike ku nyinshu atawe ikumira kandi ijana muri kazoza.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Ubudage mbona buri kwihenda kuko ivyavuye mumatora ntagihinduka

  • Dans la Démocratie c’est la majorité qui compte selon sa vraie définition et le Burundi est souverain !!!

  • UBURUNDI BWARIKUKIY NIBAREK KUBUTOTEZA NIBAREK BUBANDANY KWIYUBAKA ARIKO TWEBW TUBANDANY GUKORA NAHO ABATUGWANYA BOGWIRA

  • Murabadagi koko ! Mbega nindeyababwiye kuburundi arintara itwarirwa Mubudagi !? Murihenda mugire abomuhendesha amahera ngobushiremungiro ivyomwipfuriza uburundi vyoguhungabanya umutekano muzorabe kobudahitana abarundi 7 bukazohasigarabwose ahubwo murazozamwebwe komwumva muri Abadagi.

  • Kuberako n’ivyinyuma 2005vyatunganirijwe mubiganiro nicogituma nibi vyubu vyotunganirizwa mubiganiro biramutse bibonwa mwitagenda neza.

  • ikibazo ni ic abarundi. kandi nibo bawuciye bati wanka kugarukana impene itararenga impinga maze ukabira nkayo. bareke bazayarondera bitagikunda. domage mon Burundi.

  • Nta democratie ikora gurtyo. Warabonye amatora aba mu muco ibinyamakuru bavyugaye ? Ivyabaye italiki 17/5/2018 kwari ukwimaramaza.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.