IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Mu makungu > Igihugu ca Amerika kivuga ko gishobora gufatira ibihano sentare (...)

Igihugu ca Amerika kivuga ko gishobora gufatira ibihano sentare mpuzamakungu mpanavyaha

Tuesday 11 September 2018, by vianney

Amakuru dukesha BBC amenyeshako umuhanuzi w’umukuru w’igihugu ca Amerika mu bijanye n’umutekano,John Bolton yavuze ko iyo sentare itemewe n’amategeko kandi yemeje ko igihugu ciwe kizokora ibishoboka kugira kirinde abanyagihugu baco.

Ayo makuru avuga ko sentare mpuzamakungu mpanavyaha iriko yiga nimba yoshobora kuburanisha abasirikare ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika kubijanye n’ihohoterwa bakoreye imfungwa zo mu gihugu ca Afghanistan.

Igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika gisanzwe kitari mu bihugu biri muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’i Lahaye ndetse n’ibihugu bimwe bimwe vyo ku mugabane wa Afrika biri muriyo senatre biza vyaratanguye gusaba kuva muriyo aho bivuga ko icira imanza gusa abanyafrika.

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’i Lahaye yashinzwe mu mwaka w’i 2000 i Roma mu gihugu c’Ubutariyano ibihugu bimaze kwemeza amasezerano yayo bikaba bingana 123.


IGIHE

Forum posts

  • Emw,iyind,iraduhumiy yab biberey muburund amakung yaturenz,urwam.

  • Iyo buba Uburundi ubu baba bariko bavuga aya muhe.Umwaka Abanyafrika bategereye ko izo institutions za ONU atakindi zigamije atari ugupfukama munda Afrika, tuzoba twogoroye.
    Kanura mubone mwa bakuru b’ibihugu vya Afrika. Reke kugurisha ibihugu vyanyu kubera inda ndende. Tegekanye institutions, ariko zikora mu bwingenge n’ubutungane, abazungu tubarekere ivyabo.
    Murazi neza ko sans l’Afrika, izo institutions z’abasuma n’abambuzi zitobaho. Ariko nta kundi uwigize ikivumvu bamuyoza amase.
    Hoboneka ibindi bihugu nk’Uburundi vyubahuka biti non au néocolonialisme, Afrika yoba ikize.

  • Jewe ico ndovuga uwutabona ntabona karya nagaso bateguriye abanya frican ntamuzungu arimwo jewe ndovuga ko ibihugu vyafrika vyoraba uko bisesa ariya masezerano .yarurya rukiko bakabirekera abazungu.tukagira urukiko rwacu muri afrika.kuko gufungwa nikumwe.

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.