IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Igitigiri c’abahawe ikigongwe n’umukuru w’igihugu ntikirakwira

Igitigiri c’abahawe ikigongwe n’umukuru w’igihugu ntikirakwira

vendredi 17 Ruhuhuma 2017, par Egide NDUWIMANA

Abanyororo bagera ku 2264 nibo bamaze kurekurwa mu ngingo y’umukuru w’igihugu y’ukurekura bamwe mu banyororo, nk’uko vyashikirijwe kuri uwu wa gatanu n’umukuru w’umurwi ujejwe gukurikirana dosiye z’abanyororo. Mu gihe umukuru w’igihugu yari yamenyesheje ko hazorekurwa abagera ku 2500, uwo murwi uvuga ko bariko baratosora utunenge tw’abo basigaye kugira nabo barekurwe.

Pascasie NZIGAMASABO, umukuru w’umurwi ujejwe gukurikirana dosiye z’abanyororo amenyesha ko utwo tubazo turi mu madosiye y’abatarasohoka ari nk’utunenge twibonekeje mu kwandika amazina y’abanyororo, uwo murwi ukavuga ko ukiri mu matohoza y’ukuraba ko ayo mazina ariyo ari kuri dosiye z’abo bantu.

Uwo arongoye umurwi ujejwe gukurikirana dosiye z’abanyororo amenyesha ariko ko abanyororo barekuwe bafise indishi y’amafaranga basabwe kuriha bategerezwa kuzoyitanga, kuko ikigongwe c’umukuru w’igihugu kiraba ivyaha gusa, ariko kidakura umunyororo kw’ideni ry’indishi ategerezwa gutanga. Mu gihe hogira umunyororo atotanga ayo mafaranga y’indishi yasabwe, muri uwo murwi bamenyesha ko azoca asubizwa mw’ibohero.

Tubibutse ko mw’ijambo yashikirije yipfuriza umwaka mushasha Abarundi, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yagize ati : "Mu ntumbero yo gusasagaza amahoro, iteka n’itekane mu gihugu, twisunze Ingingo y’113 y’Ibwirizwa Shingiro, twagiriye Ikigongwe abakatiwe gupfungwa imyaka itarenga itanu, abamaze ¾ (bitatu vya bine) mu mvuto ; twongera tugabaniriza ibihano abanyororo batandukanye, bose hisunzwe uburemere bw’ivyaha bagirizwa n’inyifato yabo mu mabohero barimwo. Kubera iyo ngingo, abanyororo bababa 2500 bagiye kwidegemvya. Tubasavye kwirinda ico cose cotuma igiti kibakora mu jisho kabiri."


IGIHE

Messages

  • Ico Notererako Nuko Abo Nyororo Boriha Indishi Mwabaciye Kugira Bidegemvye Atankomanzi Ikigongwe Cantanzwe N. Umukuru W igihugu Niciza Ariko Nibarihe Iyo Ndishi .

  • Ni vyiza kubarekura kuko mw’ibohero ntaterambere riharangurirwa

  • Ariko Jewe Sindavyumva !Nagira Umuntu Agiriwikigongwe Abakigiriwe ?None Uwowe Ivyazanyemwonibiki?Noneho Avuguruje Umukuruwigihugu?

  • Ivyahihiwacu Muburundi biratwenza nukuri! ngumuntu yagiriwikigogwe rwaronderwe kwamahera? icontakigorwe kibakirimwo!? ahubwo ubukene bugiye kubatesha ibanga! nimusonze mwireme, kuko mugasho ntamahera mwabahemba. Cakabiri, gitangaje kubona uburundi bwarasinye amasezerano yukubahiriza agateka kibibondo, ariko ugasanga mubusho huzuyemwo abana nakamaramaza, kugihugu!.Uburundi bwarabuze abashingantahe bijambo, usanga uvyutse mwitiro azagutangaza ivyo yarose arimwitiro, ngo numutegetsi, emwe haa.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.