IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ihuriro Justice For Burundi ryiyemeje gukorana na CPI mu matohoza

Ihuriro Justice For Burundi ryiyemeje gukorana na CPI mu matohoza

vendredi 10 novembre 2017

Mw’itangazo basohoye kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 9 Munyonyo 2017, abo bashingwamanza bahurikiye mw’ihuriro Justice For Burundi bamenyesha ko ingingo ya sentare mpanavyaha mpuzamakungu yerekana ko ubutungane bwigenga bushoboka mu Burundi.

Muri iryo tangazo ,abo bashingwamanza bavuga ko abo baburanira bafise icizere ku gikorwa ca sentare mpanavyaha mpuzamakungu CPI.

Abo bashingwamanza bamenyesha ko kuba iyo ngingo yagiye ahabona inyuma gato y’uko iterwako umukono, vyavuye ku cipfuzo c’abarongozi ba sentare mpanavyaha mpuzamakungu CPI co gukingira ivyabona n’imiryango y’abakorewe amabi.

Ihuriro Justice For Burundi rikamenyesha ko rizokora ibishoboka vyose kugira abagirizwa amabi bahagarikwe kandi bashikanwe imbere ya sentare mpanavyaha mpuzamakungu.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.