IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Imigambwe 23 yumvikanye ko ibwirizwa shingiro ry’Uburundi ryohindurwa

Imigambwe 23 yumvikanye ko ibwirizwa shingiro ry’Uburundi ryohindurwa

dimanche 23 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Imigambwe igera kuri 22 iri kumwe n’umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi, iheruka gutera umukono ku masezerano y’intumbero nshasha ya poritike. Ayo masezerano yemejwe hagati ya Reta y’Uburundi n’abanyeporitike bavuga ko batavuga rumwe n’ubutegetsi. Muvyo abo banyeporitike bemeranije, harimwo ugusubiramwo ibwirizwa shingiro.

Ayo masezerano agizwe n’ingingo 29, zimwe murizo zikaba zivuga ko ibiganiro bihuza Abarundi vyahora bibera i Arusha muri Tanzaniya bikwiye gutahukanwa kubandaniriza mu Burundi, n’aho nyene abafise ivyo bagirizwa n’ubutungane bakabanza gukurikiranwa. Abo banyeporitike bemeranije muri ayo masezerano ko ibwirizwa shingiro ry’Uburundi ritegerezwa guhindurwa hisunzwe ibizova mu biganiro bibera mu Burundi. Tubibutse aho ko umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro bihuza Abarundi uheruka gushikiriza icegeranyo c’ivyo umaze gushikako. Muri uwo murwi bamenyesha ko abenshi mu bantu bumvirijwe n’uwo murwi basavye ko umukuru w’igihugu c’Uburundi yotorwa ibiringo birenza bibiri, agatwara igihe cose abanyagihugu bomwizera.

Abo banyeporitike bamenyesheje ko bashigikiye ingingo ya Reta y’ukuva muri Sentare mpuzamakungu mpanavyaha. Ayo masezerano asaba ibimenyeshamakuru budasubira guha ijambo abanyamigambwe biyita ko barongoye imigambwe, ariko batemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu.

Ayo masezerano yateweko umukono i Gitega, mu ruganda rwari rwateguwe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu.


IGIHE

Messages

  • nivvyiza cane nibumvikane.

  • N’ivyiza nibumvikane.

  • VYOBA RIVYIZA GUHINDUKA NICO ABANYAGIHUGU DUKENEYE

  • icogitekerezo niciza ahubwon,ibanyarutse

  • Turabishimye nibibe ukwonyene.

  • NIVYO BAKWIRIYE KUGANIRIRA IWACU.

  • Hahaaa aba dd nihatari .

  • Biziumurennyidisimasi
    Ivyonikobimezekouwurwandayabikozebikemerwakucibitobaibindimurakoze

  • Baribatebeje Guko Ntivyumvikantukuntu Twokwama Murisokwe Ngo Harusha Harusha.Abobanyeporitike Biyumviriye Neza Cane,ariko Ntiruburuhendancuti.Twebwabenegihugu Turabishimye.Nkabansabako Nabandi Baciyumvirakubutegetsarubuciye Muntambara Bokwikebuka.Murakoze.

  • Nibanyarutse umu presida ahagarike ariko abuze amajwi ntahagarike ngo Ikiringo cageze Nkurunziza Kenyera ukomeze kudutwara kuk wadukuye Mumasasu n,ubumenja bwa Buyoya

  • NUKO KUKO ABANYAMAHANGA SIBO BOKWAMA BADUHUZA. NATWE TURASHOBOYE. REKA TWE ABANYAGIHU TWIMARAMARIZE. KUKO NITWE DUFISE IJAMBO RYANYUMA. NIMUKOMERE. TURINYUMA YANYU.

  • Imana iradukunda ndabakeje nivyotwebw abene Burundi twaritunyotewe

  • nukuri nibarihindure bakuremwivyibiringo bamwebitwaza kugirabifuzagutobigihugubitwajibiringobamaramare mutamawacu agume kwivora

  • Abarundi ni abagabo. Ugerageje kubashotora baramukocora. Nkuko bakocoye mujeri sindumuja zavaga mu Rwanda rwa Ruhagwa kagame. None ubu bazihinduye amateka.

  • Ndabashigikiye ndabashimiye abakoze ibibikorwa kandi jewe narinakabivuze kuvakera ko iribwirizwa shingiro ryu Burundi ririmwo utunenge dukeneye gukosorwa cane cane hamwehavuga ngo umukuru wigihugu yemerewe gutwara ikiringokimwe gishobora kwiyongeza rimwe ngwariko yitorerwa nabenegihugu bonyene ubwabo.
    Ahohantu rero harakomeye muzohashinge ijisho mwebwe muzohatubera.
    Igituma ndabivuzegurtyo nuko uyumukuru wigihugu dufise uyumusi hariho abaribashatse kwima amahirwe canke kubaka uburenganzira abarundi bahabwa nibwirizwanshingiro ryigihugu cabo .
    Mwibukeko kandi ko iribwirizwanshingiro rihari korivugako iyumukuru wigihugu atwaye mubihe bidasanzwe bidaharungwa mubiringo vyogutwara ivyobihebidasanzwenavyo twarabibonye igihe uyu prezida dufise yatwara adatowe nabenegihugu bonyene ubwabo ariko agatorwa nabashingamateka maze abadakundagusoma ivyanditse bacabaribagira kwatatowe nabenegihugu bonyene ubwabo, maze hageze igihe cokwitorerwa nabenegihugu bonyene ubwabo kukiringo cakabiri baca bavuga ngonikiringo cagatatu yitorerwa nabenegihugu! Nibwo abenegihugu barahiye bararengwa bavugako bahamagariwe gutora uyumukuru wigihugu dufise uyumusi rimwegusa atirero kumubonayitoza ntacobitwononeye atiturakeneye tumushimire mukumwitotera ubwakabiri canke tumugayire tububona.

    Ndabasavye muzobikoreneza ntimuzoshiremwo kwerekana ukwihenda nkuko ahomugihugu kibanyi cu Rwanda baheruka kubigira bakavugako uwuri prezida afise ukwo afatwa gutandukanye nabandibuse bazoharanira kuba abakuru bicogihugu cu Rwanda.

    AMAKENGA MFISE KUVY’UBURUNDI
    Kubera le 13/05/2015 hariho umuntu yamaze amasaha atangaye kwariwe mukuru wigihugu uyu prezida ahari yatowe nabenegihugu nyuma yakudeta mushobora kuzosanga arikiringo cambere arimwo inyuma yuwatwaye atembagaje ubutegetsi.
    Kubwivyo ndabasavye muzogishire imbereyanyu muzokivugeho kuburebure hakirikare ntimuzomere nkababandi baja Arusha bakadutunganiriza ibintu bifuditse canke rigobetse .
    Yari’ Twaje yariko baratanga ivyiyumviro kugira bizoje mubizokorerwako ndindiranye igishika kuzokwumva mutirengagije ibivyose ndababwiye kwakiriyagihe muzoba muriko muratunganya mukuramwo utunenge mwibwirizwanshingiro ryu Burundi.

  • Ayo masezerano aje haheze. Ashobora kuba atubahiriza démocratie, ariko twarabonye ko démocratie ikinwa hakurikijwe les réalités du moment. Ngira ngo ntawibagiye ico vyazaniye abanyarwanda kuvanga intambara y’amasasu n’iya démocratie. Ubu turi mu bihe vy’intambara. Ngira nta muntu n’umwe atabizi. Kurwana na ba Rugereka ukarekera umwidegemvyo imigambwe bakoresha ngo bagusambure ntaco icirwa c’Urwanda, Havyarimana n’Inkotanyi vyoba vyaragusigiye.

  • @tari. Impengeri zi Mahama zikugezehe tari we.ko wari warabuze wa nkoramaraso we muhungu w’ikinywamaraso kagame.

  • Ariko mubona yuko ikintu cari nkenegwa ko ari guhindura iryo bwirizwa shingiro,ariko ntimubona ko dutwagwa n’ibujuju bitagira ubwenge na bukeua,kumbura munyaragase muje mu biganiro ariko ntimubona ko hasigaye gato muhenugwe n’umuyaga!!Agahugu kanyuma kw’isi kamiza abantu bashonje mu mabarabara,vaho mubise incabwenge zitware muje gutegura ibikorane vy’amafuti i Buye

  • Ivyo muzohindur vyose ntimuze muhirahire nagato mukore kwibwiriza ryibiringo kuko muzoba muzoba muhamvye uburundi nabarundi mwitongo ryabafuye. Uko biboneka kose niyo muriko murasotera kugirango nimwava kubutetsi ntimufatwe. Muribesha basha

  • @twaje. Nibyo komeza ubwire izo mujeri sindumuja wenda zakumva kuko wowe uzishoboye kuko uzi no kwandika bibiliya.

  • Aho ni sawa, Mutama. Nkurunziza azakomeze akiyobore ubuziraherezo

  • Haaahaaa!! Mbe Mutama Agathon Rwasa Yari Yatumiwe?Noe Ko Bamwatse Ijambo Bigende Gute?Mutama Wanje Nawe Nturi Umwana!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.