IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Indege yari itwaye abasirikare mu gihugu ca Somaliya yasibije (...)

Indege yari itwaye abasirikare mu gihugu ca Somaliya yasibije urugendo

mercredi 17 janvier 2018

Amakuru ava mu begereye ikibuga c’indege ca Bujumbura, amenyesha ko iyo ndege yavuye hasi , ariko ica igira ikibazo c’ubuhinga vyanka ko ibandanya urugendo rugana ku murwa mukuru w’igihugu ca Somaliya Mogadiscio.

Ayandi makuru avuga ko iyo ngorane y’ubuhinga yoba yavuye ku gikona cinjiye mu moteri y’indege bica bituma itabandanya urugendo.

Bivugwa ko iyo ndege yoba yazungurutse mu kirere incuro zitanu, ariko mu nyuma bihava birakunda ko isubira kugwa ku kibuga c’indege mpuzamakungu c’i Bujumbura.

Umuyobozi w’ikibuga c’indege ca Bujumbura Emmanuel HABIMANA amenyesha ko ari inyoni yinjiye mu moteri y’iyo ndege, akemeza ko abahinga bariko bararaba ikibazo cabaye, hanyuma ice isubira igende.

Tubamenyeshe ko ata muntu yakomeretse canke ngo haboneke ikindi cononekara ku ndege.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.