IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > "Ingingo zifatirwa Uburundi zikandamiza iterambere" - Pascal (...)

"Ingingo zifatirwa Uburundi zikandamiza iterambere" - Pascal NYABENDA

lundi 2 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Kubwa Pascal NYABENDA, izo ngingo ziba zishingiye ku makuru y’ibinyoma aba yatanzwe. Ivyo yabishikirije kuri uwu wa mbere, mu gihe inama nshingamateka y’Uburundi yari iramutse yugurura ibikorwa vy’isasa risanzwe ry’ukwezi kwa Gitugutu, ryitiriwe kandi isasa ry’ukwiga amafaranga Reta y’Uburundi izokoresha mu mwaka uza (Session budgétaire).

JPEG - 125.4 ko
Pascal NYABENDA, umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi

Ivyo bikorwa vyuguruwe kandi n’inama nkenguzamateka y’Uburundi, Reveriyano NDIKURIYO, umukuru w’inama nkenguzamateka y’Uburundi nawe akaba yamenyesheje ko ingingo zifatirwa Uburundi hamwe n’ivyegeranyo bisohorwa, biterwa na bamwe mu barundi bakwira isi yose batanga amakuru atariyo ku Burundi.

Inyuma y’akaruhuko abashingamateka n’abakenguzamateka bahoramwo, bitegekanijwe ko muri ivyo bikorwa abashingamateka batanguye kuri uwu wa mbere, bikazomara amezi atatu, bazokwiga integuro z’amategeko cumi na zitandatu. Muri izo twobabwira nk’integuro y’itegeko rigenga ingene urwego rw’igihugu rujejwe kugenzura itangazamakungu mu Burundi (CNC) rukora, integuro y’itegeko risubiramwo igitabu mpanavyaha c’Uburundi, n’izindi.

Inama nkenguzamateka nayo ikazokwiga muri ico kiringo integuro z’amategeko 19 yarungikiwe n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Uyo mugabo yibagira ningoga. Nta mezi aheze amenyesheje we nyene ubwiwe ko batakeneye amakungu ngo "Bicaye ku gahiye." None aragarutse ngo ingingo zifatirwa Uburundi zikandamiza iterambere. Uca wumva ko ata bwenge arusha abandi. Iyo atafasha kwiba ubutegetsi ntaba yicaye muri ico kibanza.

  • Ivyuvuga nibiki Nyabenda pascal!, rwamakungu ariko arabakandamiza, jewe ntavyo ndabona komurakandamizwa, kuko nimba amakungu ariko arabakurikirana kuvyo mwakoze.
    Uhoraho abaza kayini ati wokora neza ntiwoshimwa?, iherezo ryakayini murarizi koritabaye ryiza, namwe kubwamaraso ya benugihugu mwirirwa murasesa, bwaca mukaboroga ngo muriko murakandamizwa.
    murindire ya Mana itanyigiturire nayo izobadunuze muzosigare mwibonisoni,
    ugira rwizoraba birya mwirirwa murananga kumisozi ngo muruko muraririmba mwaraye mushshe amaraso.
    Mwibuke kw,Imana ya bwiye abisirayeri bariko bararirimba, ngo nimunkure urwo rwanaga rwindirimbo mumatwi ya nje.

  • Amaraso arasama kweli,Mr Pascal Nyabenda ugenda wavugishwa kweli,ngo bibangamiye iterambere ry’u Burundi?hhhaaahh irihe?guma ahamwe sha CPI ikurerurane n’abagenzi bawe baba DD

  • Ko umengo priorities size!,,,,

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.