IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Ingomero za Rusizi 1 na Rusizi 2 zigiye gusanurwa

Ingomero za Rusizi 1 na Rusizi 2 zigiye gusanurwa

mercredi 21 Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Reta y’Ubudagi yatanze imfashanyo y’imiriyoni 32.5 z’amafaranga y’amanyaburaya azokoreshwa mu gusanura n’ukwagura ingomero za Rusizi I na Rusizi II zihurirwako n’Uburundi, Urwanda, hamwe na Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo (RDC).

Amasezerano y’iyo mfashanyo yateweko umukono na Herman TUYAGA, umunyamabanga nshingwabikorwa wa CEPGL, iyo mfashanyo ikazofasha mu kwongereza inguvu mu gukorana n’akarere hamwe n’umutekano. Vyitezwe ko gusanura izo ngomero za Rusizi bizokemura ikibazo c’ibura ry’umuyagankubamu karere k’ibiyaga binini, ikibazo ahanini caterwa n’ugusaza kw’ibikoresho vyubatse izo ngomero.

Urugomero rwa Rusizi II rwari rufise ubushobozi bwo gutanga Megawatt 43,6 ariko kubera ugusaza kw’ibikoresho, ubu rutanga Megawatt 36 zigaburwa mu bihugu bitatu. Biteganyijwe ko gusanura urwo rugomero bizotwara imiriyoni 85 z’amafaranga y’amanyaburaya.

Bitegekanijwe ko uwo mugambi uzotwara imyaka itanu, ariko iyo myaka igashobora kugabanuka bitewe n’ibiganiro hagati y’ababishinzwe, hamwe n’uko amafaranga azoboneka bidatevye.

Ikibazo c’ibura ry’umuyagankuba kibandanya kwibonekeza mu mihingo itandukanye y’igihugu c’Uburundi, aho ama karitiye atari make amaze iminsi arara mu mwijima. Mw’ishirahamwe REGIDESO basigura ko ico kibazo c’ubukene bw’umuyagankuba catewe na mégawatts 12 zitakiboneka, izo nazo zikaba zahora ziva ku rugomero rwa Ruzizi II, zitanzwe n’ishirahamwe SINELAC (société Congolaise d’électricité)

Tubamenyeshe ko inama nshikiranganji y’Uburundi iheruka gufata ingingo y’ukuduza ibiciro vy’umuyagankuba mu Burundi.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.