IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Ubutunzi > Ishirahamwe ABEF risaba abanywanyi b’amabanki kuyitura iyo bafise (...)

Ishirahamwe ABEF risaba abanywanyi b’amabanki kuyitura iyo bafise ibibazo

Thursday 6 September 2018, by vianney

Mu ruganda rwahuje ishirahamwe ry’amabanki ,ibigega vyo kuziganya no kuguranana hamwe n’abadandaji bo mu burengero bw’igihugu,umukuru wa ABEF Audace BUKURU yamenyesheje ko abanywanyi b’amabanki kwama bitura amabanki buri mwanya bafise ivyo bashikiriza kuko amabanki ariho kugira atorere inyishu ibibazo baba bafise.

Audace BUKURU avuga ko ingorane nyinshi basanze hagati y’abanywanyi n’amabanki ari ukutavugana hagati yabo.

Audace BUKURU yagize ati : «Ikibazo ni kutavugana,banywanyi b’amabanki egera amabanki yanyu muvugane ntihagire ico munyegeza kuko ibanki ari nka muganga wanyu.»

Umukuru w’ishirahamwe rijejwe kwigisha no guteza imbere abadandaza,Martin SINDARUHUKA yavuze ko muvyo basaba amabanki aruko ingurane yasabwe yotangwa ku mwanya muto kugira umudandaza arangure imigambi yiwe.
Martin SINDARUHUKA yagize ati : «Umudandaza atungwa n’ingurane,itangwa mu mwanya muto. »

Ibibazo vyagiye biragaruka mu rurwo ruganda n’ibijanye nuko umudandaji ashobora gusaba ingurane ibanki ariko akaronswa ingurane iri musi yiyo yasavye.
Umwigisha SIGEJEJE ari mu batanze icigwa yishuye ko bishoboka ukaronswa ingurane iri musi niyo wasavye kuko iyo bariko bariga idosiye y’uwasavye ingurane ibituma bavyemera canke banka ni vyinshi.

Uyo yatanze icigwa yasiguye ko ushobora kuba ufise ingwati idakwiye n’amafaranga wasavye. Umuntu ariko ariga idosiye yawe aca aguhamagara akakubwira ko ingwati utanga idakwiye ,ugasabwa kugabanya umugambi wawe ungana ni ngwati ufise.

Kubijanye n’abasaba ingurane nabo bagateba kwishurwa,SIGEJEJE yavuze ko ari amakosa aba yakozwe kuko ata munywanyi yoba ariko ararondera ingurane atebwe kwishurwa ahubwo babwiirizwa kumubwira igituma ataronswa ingurane kugira abimenye hakiri kare,mu gihe atoyironswa ashobore kwungururiza ahandi.


Vianney BIKORIMANA

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.