IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Ubutunzi > Jean Berchimas NIYONZIMA : «Ibidandazwa biragurishwa ariko nta mpapuro (...)

Jean Berchimas NIYONZIMA : «Ibidandazwa biragurishwa ariko nta mpapuro zivyerekana zitangwa.»

Friday 20 July 2018, by vianney

Ivyo yabishikirije kuruyu wa gatanu igenekerezo rya 20 Mukakaro 2018 inyuma y’urugendo rwakozwe n’abakozi b’ikigo kijejwe gutoza amakori n’amatagisi OBR muri karitiye ya Asiatique mu ntumbero yo kwirabira ko hatangwa izo mpapuro « Factures » ku bidandazwa bigurishijwe

Jean Berchimas NIYONZIMA yamenyesheje ko mu rugendo bakoze basanze ibidandazwa bigurishwa ariko impapuro zivyerekana ntizitangwe.

Jean Berchimas NIYONZIMA yavuze ko urwo rupapuro rutangwa « Facture » bifasha umudandaza guharura neza ivyo yasohoye ,kumenya umwidondoro w’umuguzi hamwe no kumenya ikidandazwa cadandajwe.

Uyo ajejwe amatagisi yo hagati mu gihugu muri OBR yavuze ko mu misi irimbere hagiye gushirwaho uburyo bwo gutanga izo mpapuro biciye mu buhinga bwa none.


IGIHE

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.