IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishirahamwe FENADEB risaba ko Reta yokwitondera ishirwa mu ngiro ry’ingingo (...)

Ishirahamwe FENADEB risaba ko Reta yokwitondera ishirwa mu ngiro ry’ingingo y’ugukura abana mw’ibarabara

samedi 21 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Igiporisi c’Uburundi carahagaritse kuva mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu abana hamwe n’abakuze basegerereza canke biyerereza mu gisagara ca Bujumbura. Abo bantu bafashwe kw’itegeko ry’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwafashe ingingo y’ugukura mw’ibarabara abo basega, yaba mu gisagara ca Bujumbura canke ku mirwa mikuru y’intara zigize Uburundi. Abafashwe begeranirijwe mu bigo bibiri biri kw’i Jabe, mu gisagara ca Bujumbura, aho bariko barandika imyidondoro yabo, mu kurindira ko basubizwa mu mihingo baje bavamwo.

Bamwe mu bagendana ubumuga hamwe n’abasegerereza baganiriye n’ikinyamakuru IGIHE bamenyesheje ko ugusegerereza bigoye guheba, kuko ababikora baba bugarijwe n’ubukene, ku buryo mw’ibarabara aba ariho baziga uburaro n’uburamuko.

Umwe muribo agira ati : “Jewe mfise umwana yiga mu mwaka w’indwi, nije ndamugaburira kandi ni jewe ndamutangira amafaranga y’ishure, mvuye hano twoca tubaho gute ? Sindota mva hano.”

Abasegerereza twasanze kuri ico kibanza batumenyesheje ko vyari kuba vyiza basubijwe mu ntara baje bavamwo babanje guhabwa imitahe y’ugushika bikorrera ivyabo.

Muri FENADEB bamenyesha ko icihutigwa kitoba kubakura mw’ibarabara igihutihuti, ariko ko hobanza hakigwa igituma baja mw’ibarabara, n’ingene ubuzima bw’abo bwomera neza inyuma yo gukurwa mw’ibarabara.

Ivyigwa vyakozwe na FENADEB vyerekana ko ibice 20 kw’ijana vy’abana bo mw’ibarabara batahukanwa mu miryango aribo bashobora kugumayo, nayo abarenga 60 kw’ijana baca basubirayo.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.