IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Itegeko rishasha rigiye kugenga amashirahamwe yigenga

Itegeko rishasha rigiye kugenga amashirahamwe yigenga

mardi 27 Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Inama nshingamateka y’Uburundi iheruka kwemeza integuro nshasha y’itegeko rigenga amashirahamwe mpuzamakungu yigenga akorera mu Burundi (les ONG étrangères). Ayo mashirahamwe afise amezi atandatu kugira azobe yamaze kwisunga iryo tegeko, mu gihe rizoterwako umukono n’umukuru w’igihugu, ribanje guca mu nama nkenguzamateka.

Zimwe mu ngingo zigize iryo tegeko ni ukwubahiriza ivy’uguserukirwa kw’amoko yose mu gutanga ubuzi muri ayo mashirahamwe

Amafaranga ahabwa ayo mashirahamwe azohora akoreshwa uku gukurikira : Ibice 35 bizokoreshwa mu kubaho kw’ayo mashirahamwe, nayo ibice 65 kw’ijana bikoreshwe mu bikorwa vy’iterambere ry’igihugu c’Uburundi.

JPEG - 50.8 ko
Pascal BARANDAGIYE, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu. Niwe yari mu nama nshingamateka gusigura integuro y’iryo tegeko

Ayo mashirahamwe azotegerezwa kugira ububiko bw’amafaranga y’agaciro mw’ibanki nkuru y’igihugu (BRB), aho akaba ari mu gihe ayo mafaranga y’agaciro yahora abikwa mu mabanki y’ubudandaji. N’imfashanyo ayo mashirahamwe ahawe ikazotegerezwa gucishwa hamwe n’ukubikwa muri banki nkuru y’igihugu.

Ayo mashirahamwe azotegerezwa gutanga icegeranyo c’ivyo yaranguye mu mezi atandatu hamwe no mu mpera z’umwaka, ico cegeranyo kikazohabwa Reta y’Uburundi.

Imishahara y’abakozi batari abanyamahanga izohora itangwa mu mafaranga y’amarundi.

Ku bashingamateka 106 bari bitavye ibikorwa vy’ukwiga iyo nteguro y’iryo tegeko rishasha, umwe gusa niwe ataryemeje, abasigaye 105 bakaba baritoye bose.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.