IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > KARERWA : "Uburundi nta ciza bwiteze kizova i Geneve"

KARERWA : "Uburundi nta ciza bwiteze kizova i Geneve"

samedi 3 Ruheshi 2017

Mu kiganiro co guhanahana ivyiyumviro catunganijwe n’ibiro vyo kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu, ku mugoroba wo kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 2 Ruheshi 2017, umuvugizi w’umukuru w’igihugu yavuze ko ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ryiyemeje kuja imbere mu kuvuguruza abarundi, kuko ariryo rizotanga ibikenewe vyose.

Jean Claude KARERWA NDENZAKO yavuze ko mu kwezi kwa Ruheshi 2017, umugambi wo kuburabuza abarundi biciye mu guhungabanya inzego bishiriyeho ugiye kwongereza umuvuduko.

Umuvugizi w’umukuru w’igihugu akamenyesha ko abateguye inama y’i Geneve bahisemwo kwinyegeza inyuma y’Inama Mpuzamakungu ijejwe agateka ka zina muntu, kubera ivyo bagiriza Uburundi mu bijanye n’agateka ka zina muntu bitagira ifatiro kandi bitagira ishingiro.

Kubwa Jean Claude KARERWA NDENZAKO, icegeranyo kizoshikirizwa mu gisagara ca Geneve cifatira mu gahanga Uburundi, agatangazwa n’ingene ico cegeranyo canditwe n’umurwi wiswe uw’abahinga bigenga EINUB bisunze ivyandikwa ku muhora wa whatsapp.

Mwomenya ko Uburundi buzooserukirwa i Geneve n’umwe mu baserukira Uburundi mu bihugu vya Buraya.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.