IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Kenya: Abarorerezi b’amatora basaba abanyakenya bose gutekana

Kenya: Abarorerezi b’amatora basaba abanyakenya bose gutekana

jeudi 10 Myandagaro 2017

Abarorezi b’amatora basaba kandi umurwi utegura amatora IEBC kubandanya igikorwa cabo mu muco no mu mwanya utegekanijwe n’ibwirizwa shingiro, kugira ibizoba bitangajwe bize vyemerwe n’abanyakenya bose .

Mw’itangazo basohoye kur’uno wa kane igenekerezo rya 10 myandagaro 2017, abarorerezi mpuzamakungu mu matora yo mu gihugu ca Kenya bamenyesha ko igikorwa co guharura ivyavuye mu matora kibandanya.

Uwo mugwi w’indorerezi mpuzamakungu usaba imigambwe yose hamwe n’abanywayi bayo kubandanya gukwirikirana uko igikorwa co guharura kibandanya mu gihe IEBC iriko iraheraheza guharura ivyavuye mu matora,ugasaba kandi IEBC gukorera mu bwigenge no mu mutekano ukwiye .

Indorerezi mpuzamakungu zisaba abanyagihugu bose kuguma batekanye mu mahoro no mu mutekano ,abarongoye abandi mu migambwe nabo bagasabwa gukoresha imvugo ihumuriza yotuma hataba akaguma.

Abajejwe umutekano nabo basabwa n’indorerezi mpuzamakungu gukingira abanyagihugu hamwe no kudakoresha inguvu.

Iryo tangazo rirangiza rimenyesha ko indorerezi mpuzamakungu zishika 400 ziri ngaho mu gihugu ca Kenya ko zizoguma mu gihugu zikwirikirana uko igikorwa c’ivyavuye mu matora kibandanya kugenda.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.