IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Kenya : Umupatiri yigisha akoresheje RAP yahagaritswe mu bikorwa

Kenya : Umupatiri yigisha akoresheje RAP yahagaritswe mu bikorwa

lundi 25 juin 2018

Uwo mupatiri Paul Ogalo n’uwo muri Paruwasi yitiriwe umweranda Monika y’ahitwa Rapogi mu Ntara ya Migori yo mu Bumanuko bushira Uburengero bw’umurwa mukuru Nairobi, yahagaritswe ku wa 3 Ruheshi 2018, yagirizwa imyifato mibi.

Ikinyamakuru Daily Nation canditse ko uwo mupatiri w’imyaka 45 yakunda kunezereza abo yasomeye imisa abicishije mu muziki w’umudiho wa Rap, avuga ko awukoresha mu kwumvisha urwaruka ko rwokwihana.

Uwo mupatiri yatangaje benshi , kuko uretse umwanya munini yamara yambaye impuzu z’abapatiri, yafata n’umwanya akambara nk’abakiri bato, akambara ikabutura nini, ishati n’agatambara mu mutwe agatanga ubutumwa akoresheje umuziki, abamukurikiye bagatamba birekuye.

Patiri Paul Ogalo yavuze ko nk’uwukiri muto, yumva afise iikorwa co kwegera abakiri bato kugira abafashe kuva mu kibi akoresheje ubutumwa acisha mu nkino n’umuziki.

Patiri Charles Kochiel, umucamanza muri sentare y’ishengero katorika i Kisumu, yemeje ko Patiri Ogalo yahagaritswe inyuma y’umwaka higwa ingene yigisha abicishije mu muziki.

Ingingo yo guhagarika patiri Paul Ogalo yavuzweko cane ku buhinga ngurukanabumenyi, bamwe bakaba bashimye abandi bavuga ko ari ingingo izotuma abakiri bato bava mw’ishengero katorika.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.