IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Kirundo: Abayoboke batatu ba Agathon RWASA barekuwe n’ubutungane

Kirundo: Abayoboke batatu ba Agathon RWASA barekuwe n’ubutungane

jeudi 27 Mukakaro 2017

Amakuru ava mu begereye umugambwe FNL urongowe na Agathon RWASA, amenyesha ko abo banywanyi batatu barekuwe ata kintu na kimwe kibagiriye kandi barekurwa ata nico basabwe.

Bari bahagaritswe bagirizwa kugirisha inama zitemewe n’amategeko, no kuba mu mirwi ihungabanya umutekano.

Aho mu ntara ya Kirundo abandi banywanyi batanu bayoboka umushingamateka Agathon RWASA baracapfunzwe, nabo nyene bakaba bagirizwa kwitaba inama zidakurikije amategeko.

Mu buraruko bw’igihugu nyene ,mu ntara ya NGOZI abanywanyi 3 bayoboka umushingamateka Agathon RWASA barapfunzwe,amakuru ava mu mugambwe FNL urongowe na Agathon RWASA avuga ko boba barahohotewe gushika naho bamwe bakomereka.

Imiryango y’abanywanyi b’umugambwe FNL urongowe na Agathon RWASA bapfunzwe mu ntara ya Kirundo, basaba ko ababo borekurwa kuk ata kindi bariko barazira atari kuba bari mu mugambwe utavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.