IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Major Désiré UWAMAHORO abarizwa mw’ibohero rikuru ry’i Bubanza

Major Désiré UWAMAHORO abarizwa mw’ibohero rikuru ry’i Bubanza

samedi 12 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

Major Désiré UWAMAHORO yaheruka gukurwa mu burongozi bw’igiporisi kidasanzwe kijejwe kurwanya imigumuko (BAE : Brigade Anti-Emeute) apfungiwe mw’ibohero rikuru ry’i Bubanza, kuva ku muhingamo wo kuri uwu wa gatanu.

Inyuma y’ukwumvirizwa muri Sentare y’iyungururizo y’i Bujumbura, kuri uwu wa gatanu, Major Désiré UWAMAHORO yajanwe ubutarariye mw’ibohero rikuru ry’i Bubanza, akaba yagira akwize indwi zibiri apfungiwe mw’igendereza i Bujumbura, ariko mw’ibanga rikomeye, kuko yaba igiporisi canke igendereza, nta rwego na rumwe rwigeze rwemeza ko iyo ntwazangabo ipfunzwe.

JPEG - 16.7 ko
Major Désiré UWAMAHORO yahora arongoye igiporisi kidasanzwe kijejwe kurwanya imigumuko

Izina rya Désiré UWAMAHORO ryagiye riragaruka cane mu vyegeranyo vya ONU hamwe n’ayandi mashirahamwe mpuzamakungu ajejwe gukingira agateka ka zina muntu, aho iyo ntwazangabo mu giporisi c’Uburundi yagumye yagirizwa ubugizi bwa nabi butandukanye bugizwe n’uguhohotera agateka ka zina muntu, ugupfunga abantu, ugufata abantu mu nyuma bagatorwa ibiziga, hamwe n’ubwicanyi ndengerabutungane. Major Désiré UWAMAHORO akaba avugwa kandi ku gitero cakozwe kw’igenekerezo rya 31 Gitugutu 2015, ku miduga yarimwo abantu bari bavuye guhamba uwabo mw’itongo ry’abapfuye ryo ku Mpanda. Abantu baharurwa hagati ya 10 na 16 nibo bavugwa ko bagandaguwe n’abaporisi barongowe na Major Désiré UWAMAHORO, mu gihe bari bavuye gushingura uwitavye Imana. Mu giporisi ariko barabeshuje ayo makuru, bavuga ko abajejwe umutekano bivunye uwagira abatere gerenade. Mu giporisi bakavuka ko iyo miduga yari ivuye ku Mpanda yarimwo urwaruka rwitaje ibirwanisho.

Commissaire UWAMAHORO Désiré apfunzwe akurikiranwa ku rubanza rw’amafaranga yari kugurwa inzahabu zivuye muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, bikavuga ko ayo mafaranga agera ku 150 000 vy’amadorare y’abanyamerika yazimanganiye kuriwe. Ayo mafaranga ni ay’umurwizatunga wo mu gihugu ca Koweit yari yatumweko na UWAMAHORO kugira agure izo nzahabu. Uwo murwizatunga yatanze ayo mafaranga kugira yerekwe izo nzahabu yari aje kugura, amara hafi indwi zitatu ari mw’ihoteri i Bujumbura, arindiriye izo nzahaba, akaba yari acunzwe n’abaporisi bo mu giporisi cari kirongowe na Major UWAMAHORO. yayrindiriye amaso ahera mu nzira, nk’uko abaduhaye aya makuru babimenyesha.

Imbere y’uko atabwa muri yompi akajanwa gupfungirwa mw’igendereza i Bujumbura, Major Désiré UWAMAHORO niwe yari arongoye igiporisi kidasanzwe kijejwe kurwanya imigumuko (BAE : Brigade Anti Emeute). Itegeko ry’ukumubogoza rikaba ritatevye gusohoka, akaba yasubirijwe na OPC2 MANARIYO Emmanuel.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.