Accueil > Amakuru > u Burundi > Makamba : Impunzi z’abanyekongo 43 zakiriwe n’abajejwe intwaro
Makamba : Impunzi z’abanyekongo 43 zakiriwe n’abajejwe intwaro
samedi 9 Nyakanga 2017
Nkuko amakuru ava aho i Nyanza-Lac abimenyesha izo mpunzi zigizwe n’abagabo 15, abagore 13, abakobwa bakiri bato 10 n’abahungu 5, bose bava mu gace ka Karamba, mu ntara ya Kivu y’Ubumanuko.
Uko ari 43 bashitse ku munsi wa kane igenekerezo rya 7 Nyakanga 2017, bashikira kw’ishuri ryisumbuye rya Komine Kabonga.
Amakuru ava aho i Nyanza-Lac amenyesha ko umurwi w’abakozi b’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi HCR bamaze gushika kuraba aho izo mpunzi zashikiye,kugira barabe ico bofasha mu maguru masha.
MUGISHA Van Naris
Messages
9 Nyakanga 2017, 15:26, par nephtalie
uburundi bwamye bwakira impunzi kuva kera.Icatumye izompunzi zihungira mu Burundi n’uko har’amahoro n’umutekano.Abacafuza igihugu mumakungu ngo biracika bamenye ko babesha kuko iy’abatamutekano uhari ntibari gutumbera mu Burundi.