IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Makamba : Impunzi z’abanyekongo 43 zakiriwe n’abajejwe intwaro

Makamba : Impunzi z’abanyekongo 43 zakiriwe n’abajejwe intwaro

samedi 9 Nyakanga 2017

Nkuko amakuru ava aho i Nyanza-Lac abimenyesha izo mpunzi zigizwe n’abagabo 15, abagore 13, abakobwa bakiri bato 10 n’abahungu 5, bose bava mu gace ka Karamba, mu ntara ya Kivu y’Ubumanuko.

Uko ari 43 bashitse ku munsi wa kane igenekerezo rya 7 Nyakanga 2017, bashikira kw’ishuri ryisumbuye rya Komine Kabonga.

Amakuru ava aho i Nyanza-Lac amenyesha ko umurwi w’abakozi b’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi HCR bamaze gushika kuraba aho izo mpunzi zashikiye,kugira barabe ico bofasha mu maguru masha.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • uburundi bwamye bwakira impunzi kuva kera.Icatumye izompunzi zihungira mu Burundi n’uko har’amahoro n’umutekano.Abacafuza igihugu mumakungu ngo biracika bamenye ko babesha kuko iy’abatamutekano uhari ntibari gutumbera mu Burundi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.