IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Makamba: Umunywanyi w’umugambwe MSD ari mu minwe y’igipolisi

Makamba: Umunywanyi w’umugambwe MSD ari mu minwe y’igipolisi

lundi 20 Ntwarante 2017

Umunywanyi w’umugambwe MSD azwi kw’izina rya Emmanuel NTAKARUTIMANA ari mu minwe y’igipolisi kuva kuwa gatandatu igenekerezo rya 18 Ntwarante,umwaka wa 2017.

Emmanuel Ntakirutimana yahagaritswe n’igipolisi ku mutumba wa Mbizi, muri komine Kibago,intara ya Makamba,apfungiwe mu gasho k’igipolisi i Kibago.

Amakuru ava i Kibago amenyesha ko Emmanuel Ntakirutimana ari mu bapfungwa baheruka kurekurwa n’ikigongwe c’umukuru w’igihugu, inyuma yo kumara imyaka yababa ibiri iri mw ‘ibohero yagirizwa gutunga ibirwanisho atabifitiye uruhusha.

Amakuru ava mu muryango wiwe, amenyesha ko bafise amakenga ku mutekano wiwe kuko yahagaritswe ata mutahe wo kumuhagarika,kandi imvo yatumye bamuhagarika itaramenyekana.


IGIHE

Messages

  • barabama, muga namwe namwe mwari mwagerageje za 1972 na 1993 ivyimbere ya 72 ntavyonzi ariko ivyondabizi, jewe muri 1993 umututsi buyoya ategetse bikomagu baramaze umutumba wose, bica baturira

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.