IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Ubutungane > Mpimba: Abataracibwa imanza batsinze abamaze kuzicibwa

Mpimba: Abataracibwa imanza batsinze abamaze kuzicibwa

Thursday 28 December 2017, by Jean De Dieu

Mu ntumbero yo kuba hafi abafungwa, no gusangira nabo Noweri, ishirahamwe «Ntabariza» ryateguye ibikogwa bitari bike.Intambo, utugenegene, abaririmvyi baririmba indirimbo za none, hamwe n’urukino rw’umupira w’amaguru rwahuje abafungwa bamaze gucibwa imanza (les condamnés), hamwe n’abafungwa bataracibwa imanza (les prévenus).

Jean Marie Nshimirimana, arongoye ishirahamwe «Ntabariza», avuga ko igikorwa bakoze gitanguriye mw’ibohero rya Mpimba ry’I Bujumbura ariko bagiye kubandanya bagendera abandi banyororo bo mugihugu hagati mu ntumbero yo kubaba hafi.Jean Marie Nshimirimana avuga kandi ko mw’ishirahamwe Ntabariza bafasha abanyororo bakabakurikiranira imanza zabo.«ndifuza ko ata munyororo yoguma afunzwe adacibwa urubanza, nk’uwigeze gufungigwa ngaha muri iri bohero imyaka 12, ndazi intimba ziri ngaha.Ndifuza ko atamunyororo yoguma arenganywa».

Urukino rwagiye guhera, abanyororo babiri bahawe uruhushwa rwo gusohoka Mpimba aribo Vanessa Nshimirimana na Claudine Sibomana


IGIHE

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.