Accueil > Amakuru > u Burundi > ’’ Mu bafashwe nta numwe yavuze ko yatumwe n’umunyaporitike.’’
’’ Mu bafashwe nta numwe yavuze ko yatumwe n’umunyaporitike.’’
mardi 13 février 2018
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru,Pierre NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano yamenyesheje ko abafashwe bose bariko bakora ibiciye kubiri n’amategeko kandi atawavuze ko yatumwe n’umunyeporitike.
Pierre NKURIKIYE avuga ko arico gituma buri muntu wese yafashwe ariko akurikiranwa ku giti ciwe bivanye n’amakosa yakoze.
Uwo avugira ubushikiranganji bw’umutekano atera akamo abantu bose kuhakura icigwa kuko hari abavuga ububeshi canke amajambo atajanye n’ukuri ko hariho abicwa kandi abantu bariho.
BIKORIMANA Vianney