IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Muramvya : Umunyororo yagirijwe ko yariko ategura gutoroka

Muramvya : Umunyororo yagirijwe ko yariko ategura gutoroka

jeudi 17 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

Abanyororo bo mw’ibohero rikuru ry’i Muramvya bagize yegereyegere yamaze umwanya muto aho mw’ibohero, bakaba bari batewe ishavu n’umunyororo mugenzi wabo bavuga ko yakubaguwe n’abajejwe umutekano. Mu giporisi bavuga ko uwo munyororo yariko agerageza gutoroka.

Intango ya vyose, nk’uko mu giporisi babimenyesha, ni umunyororo azwi kw’izina rya «Démocrate» (azwi cane mu kiganiro KABIZI co kuri RPA, yahora ahamagara kenshi ashikiriza ivyiyumviro) yasavye uruhusha rw’ukuja kwivuza ku bitaro vy’i Muramvya, ari kumwe n’abandi bapfungwa bane. Bari mu nzira igana kuri ivyo bitaro, umwe mu baporisi bari bacunze abo banyororo yabonye uwo «Démocrate» ariko avugira kuri Terefone, aca yiyumvira ko ariko ategura gutoroka. Uwo muporisi yagerageje kumwaka iyo Terefone, uwo mupfungwa aranka, ari nakwo guca amwambika ipingu (Menottes) yamukomerekeje ku kuboko, nk’uko mu giporisi babivuga.

Abandi banyororo babonye ivyo bikomere ku kuboko kwa «Démocrate» bakaba baciye bagira yegereyegere y’ukwiyamiriza "iryo kubagurwa", mu giporisi bakamenyesha ko bagerageje gusigurira abo banyororo ivyabaye.

«Démocrate» yafashwe ari mu myiyerekano y’ukwiyamiriza ugusubira kwitoza kw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.