IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Muyinga : Umukuru w’umugambwe Frodebu Nyakuri i Butihinda ari mu minwe (...)

Muyinga : Umukuru w’umugambwe Frodebu Nyakuri i Butihinda ari mu minwe y’igiporisi

lundi 20 novembre 2017

Amakuru ava mu ntara ya Muyinga amenyesha ko Balthazar MISAGO yahagaritswe nk’igihe c’isaha icumi n’imwe z’umugoroba ,ari mu bunywero bwitwa Ku Kayaga ,buri ku mutumba Kamaramagambo, muri komine Butihinda, intara ya Muyinga.

Mu mugambwe Sahwanya Frodebu Nyakuri baremeza ayo makuru y’ihagarikwa ry’umunywanyi wabo, ariko bakamenyesha ko bakiriko baratohoza kugira bamenye neza icatumye ahagarikwa.

Umukuru w’umugambwe Sahwanya Frodebu Nyakuri Kefa NIBIZI ati : ‘’Ayo makuru turayazi, ariko turacariko turatohoza.’’

Balthazar MISAGO ubu akaba apfungiwe mu giporisi muri komine Butihinda.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.