IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > NTARYAMIRA : "Nta bwoko bwo guhonya, nta bwoko bwiza gusumba (...)

NTARYAMIRA : "Nta bwoko bwo guhonya, nta bwoko bwiza gusumba ubundi"

jeudi 6 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Uburundi buribuka kuri uwu wa kane igenekerezo rya 6 Ndamukiza 2017, imyaka 23 iheze Sipiriyano NTARYAMIRA yari umukuru w’igihugu c’Uburundi asandavye, indege yarimwo irakororwa. Ukwibuka iyo myaka iheze vyatanguriwe n’inkuka y’imisa.

Bitegekanijwe ko inyuma y’iyo nkuka y’imisa, ibirori bibandaniriza ku ntatemwa y’uwa mbere Munyonyo yitiriwe incungu za demokarasi, aho abategetsi batandukanye bashira ingori z’amashurwe ku ntatemwa y’umukuru w’igihugu Sipiriyano NTARYAMIRA hamwe n’abashikiranganji babiri bari kumwe nawe mu ndege, aribo SIMBIZI Cyriaque hamwe na CIZA Bernard.

Mu nyuma abitavye ivyo birori barumviriza ijambo ryashikirijwe n’umukuru w’igihugu Sipiriyano NTARYAMIRA igihe yashikirizwa amabanga y’ukurongora Uburundi kw’igenekerezo rya gatanu Ruhuhuma 1994, aho yasaba Abarundi kwitaho ibikorwa vy’iterambere hamwe n’ukugira « Discipline » muri vyose.

Yagize ati : « Tugiye kwihutira kugarukana Discipline mu gihugu, discipline mu ntwaramiheto, discipline mu mashure, discipline ku kazi, discipline mu migambwe, discipline mu ntwaro, discipline mu Burundi bwose. Abarundi bubahane, bayoboke imirimo yo soko ry’iterambere. »

Muri iryo jambo yashikirije, yabwiye abarundi ko ata bwoko buruta ubundi, akababwira ko Uburundi ari umurima w’isangi abarundi basangijwe n’Imana.

« Dutegerezwa kwumvisha Abarundi bose ko kizira gutyoza agateka ka muntu. Uwariwe wese, yaba umuhutu, umututsi canke umutwa, akwiye kwubahirizwa mu buzima bwiwe, mu biwe hamwe no mu vyiwe. Nta bwoko bwo guhonya, nta bwoko bwo guhonyangwa, nta bwoko bwiza gusumba ubundi, nta bwoko nyagukira canke nyagupfa. Abarundi bose barangana imbere y’Imana n’amategeko. »

Sipiriyano Ntaryamira yitavye Imana kuwa 6 Ndamukiza 1994, mu ndege yarimwo yakorowe igeze i ku kibuga c’indege c’i Kanombe. Yari avuye kubonana na bagenziwe bo mu karere, ku kibazo c’amahoro n’umutekano mu Burundi, akaba yari kumwe na Juvenal HABYARIMANA yatwara igihugu c’Urwanda.

Sipiriyano Ntaryamira ni nde ? Yaranzwe n’iki ?

Umukuru w’igihugu Sipiriyano Ntaryamira yari umuntu w’umwizigirwa, yakunda abantu, agakora cane, kandi yicisha bugufi. Yasize umutambukanyi n’abana batatu.

Ntaryamira Sipiriyano yavutse kuwa 6 Ntwarante 1955, ku musozi Gitwe, zone Mageyo, komine Mubimbi, mu ntara ya Bujumbura benshi bakunda kwita Bujumbura Rural. Yize amashure y’intango i Rushubi gushika mu mwaka w’1968, aca abandaniriza ayisumbuye mu gisagara ca Bujumbura kw’ishure ryitiriwe Mutima Mweranda (Collège Saint-Esprit).

Mu mwaka w’1972 yaciye ahungira mu Rwanda kubera amagume yari ateye mu Burundi, akaba ari naho yabandanirije amashure mu gisata c’ubuhinga kw’ishure rya Rilima i Kigali. Inyuma y’aho, yabandanirije kuri kaminuza nkuru y’Urwanda, aho yakuye urupapuro rw’umutsindo mu gisata c’uburimyi mu mwaka w’1982.
Kumwe na bagenzi we b’abarundi bari kumwe mu mashure aho mu Rwanda, baciye bashinga umuhari BAMPERE, igisata ca MEPROBA yari ifise icicaro i Buruseri mu Buburigi, aho Ntaryamira akaba yari ashinzwe gutanga amakuru. Muri Kigarama 1979, yatanguje umugambwe w’abakozi (UBU), ari kumwe na Salvator Buyagu, Merikiyori Ndadaye, Jerome Ndiho, Festus Ntanyungu, Jean Ndikumana, Siriveseri Ntibantunganya hamwe n’abandi. Aho naho yari ajejwe kwigisha no gukundisha uwo mugambwe.

Muri Ntwarante 1983, niho yatahuka mu Burundi, aca agenwa kuba umuhanuzi mu buyobozi bukuru bushinzwe gutunganya ivy’uburimyi. Muri Nzero 1984 yaciye agenwa kurongora akarere karimwo ipampa mu buraruko, mw’ishirahamwe COGERCO.

Muri Rusama 1985, ibikorwa vyiwe vya poritike vyaraburabujwe, gushika aho yinjizwa ibohero rikuru rya Mpimba, amarayo umwaka wose, ku mvo za poritike, mukamenya ko muri uwo mwaka wose atigeze aburana na rimwe. Yatawe mu mvuto yagirizwa kuba arongoye urunani rw’abarwanya ubutegetsi mu buryo butemewe n’amategeko, ku ntwaro y’umukuru w’igihugu Bagaza Jean Baptiste itavyihanganira na gato. Mbere bavuga ko yoba yarekuwe bisabwe n’umupfasoni w’umukuru w’igihugu Bagaza, uwo nawe akaba yari umugenzi somambike wa Ntaryamira bakiri abana.

Agisohoka ibohero rikuru rya Mpimba, yaciye ashinga mu kinyegero umugambwe SAHWANYA-FRODEBU watangujwe na Sipiriyano Ntaryamira, Melchior Ndadaye na Léonard Nyangoma, muri Myandagaro mu mwaka w’1986 i Gitega.

Inyuma yo kuba umuyobozi mukuru w’uburimyi n’ubworozi kuva muri Kigarama 1987, Sipiriyano Ntaryamira yagizwe umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi muri Mukakaro 1993 ku ntwaro ya Melchior Ndadaye, umukuru w’igihugu wa mbere yitorewe n’abanyagihugu.

Inzego zimaze gusenyurwa, uwo mukuru w’igihugu Ndadaye akagandagurwa co kimwe n’umukuru w’Inama nshingamateka, hamwe n’icegera ciwe, Sipriyano Ntaryamira yahavuye aba umukuru w’igihugu kuva kuwa 5 Ruhuhuma 1994, inyuma y’ibiganiro vyamaze umwanya munini. Agishikira ubutegetsi, yaciye agena Anatole Kanyenkiko kugira amubere umushikiranganji wa mbere.

Mu bijanye n’imigenderanire, Ntaryamira yari ashigikiwe cane n’ibihugu bibanyi nka Tanzaniya na Zayire, aho yabonanye n’abakuru b’ivyo bihugu nk’umukuru w’igihugu Mwinyi bahuriye i Kigoma, na Mobutu i Gbadolite barabira hamwe ukuntu mu Burundi hogaruka amahoro n’umutekano.


IGIHE

Messages

  • Ntaryamira yagandaguwe ningabo za Kagame, ihanurwa ryiryandege ryarababaje abantu beshi, harabandi baguye muririyandege batajabibukwa nkaka rorero uwarumukuru wigihugu curwanda HABYARIMANA turasavye reta yuburundi izitegure ahantu hicubahiro kugirango abifuza kwibuka uyomutegetsi bazoze baraza kumwibuka canecane abo mumuryango wiwe kuko nabo barababaye,

  • Nibazako aho bumviririza ijambo ryiwe Gatinyashengero aza kwikebuka agahanura za mbonerakure ziyemeje gufata abakobwa n’abakenyezi kunguvu tutibagiye kwica, kunyuruza no gusahura kugire zisubire kuri discipline!!! Zizopfa zangara nka Gahini

  • GOD melcome u in heaven because u have loved and spoken him ; wherever u are, keep hope and be fortunate because GOD has substituted u with excellence peter ,he accomplishes what u would do.so, rest well and pray for him!

  • Nukuri Naruhuke Mumahoro Kukoyari Umunyamahoro.Ariko Ubutungane Bukorere Ku Gwanda Namwanya Uwaduhekuye Ariwe Aruramutswa,kuko Inyifato Yiwe Irerekana Ko Adashakaka Amahoro Ku Burundi.

  • hahahahaaa, hari uwo mbonye yanditse ngo azosaba leta y’uburundi yubake ahantu ho kwibukira Pres. HABYARIMANA, ewe Burundi!

  • yaphuye ataco aravuga kweri baramujaniranije.

  • Mwaracanganyikiwe guss mwibuke habyarimana so wanyu

  • Ngo Habyalimana, hahahhhh mwabuzwa niki kubibuka ko nubundi bari baje mu Rwanda gucura umugambi wo gutsemba abatutsi, sha mwebwe ibyanyu Imana yarumiwe, muzanga abatutsi muzabashyirahe? Erega nubwo turi bake umututsi umwe atsinda abahutu 100, ntimuzatunesha. Gusa abahutu beza mutifuriza inabi abatutsi mumbabarire namateka mabi benewanyu bubatse.

  • NTARYAMIRA SIPIRIYANO yabaye igitambo apfana na HABYARIMANA wari waranze kuba igikoresho cy’ABANYAMERIKA ngo bibe ubukungu bwa CONGO.
    Urupfu rwabo ba PEREZIDA bombi ni IBANGA rikomeye ry’AMAKUNGU AHAMBAYE YA AMERIKA N’UBWONGEREZA byakoresheje KAGAME ahanura indege yari ibatwaye .AMASEZERANO BARI BAVUYE GUSINYA ARUSHA KAGAME yayagize zero.
    Na GENOCIDE yo mu RWANDA byanze bikunze AMATEKA azarekana yuko ari KAGAME WAYITEGUYE .Ese atera u RWANDA muri 1990 yari aje guhagarika GENOCIDE????? Cyange intambara yateje niyo yabyaye GENOCIDE????????’’
    Mwibuke yuko ubu hirya no hino kw’isi ABATUTSI benshi bafatanije urugamba na KAGAME ubu bamushyize hanze yuko ariwe wateje GENOCIDE?? Muri iki gihe aracyahagarikiwe n’ingwe ariko mu minsi iri imbere bizamucanga....

  • @Kanyarwanda
    Niba ugira ubwenge ntugakunishe genocide, ibyo ukora uzabibazwa bitari kera. Niba ubabajwe na Ntaryamira uziyahure kuko nta kindi ushoboye. Ubwo uravuga ayo mateshwa ngo ufashe iki Abarundi ujye ukinisha ibindi apana genocide. Kandi ukure President muruwo mwanda ufite mu mutwe wawe. Ngaho se niba uri umugabo uzazane nabo barundi murwane turebe ko mumara kabiri.

  • Arega KAGAME niwe wahanuye iliya ndege yarimwo NTARYAMIRA NA HABYALIMANA. Ubu Kagame afise ubwoba bukabije kuko bazamubaza impamvu yishe abo bantu kandi barashakaga amahoro.

  • Uwo #Kagame nukuri azabazwa amaraso y,inzira karengane nyishi!!! Ewe Abahutu bo murwanda mwarigorewe ndababwiye, kuki ataba intwari nkabandi, ubu iyo #Nkurunziza agenda nka #Kagam ntihar kwemezwako mu #Bdi habay jenocid yakorew abahutu vyarikwemezwa!!! #Kagam niw watey Genoc aranayihagarika,, , Atwicira #sipiriyano!!!! sha ntamyaka 100 usigaje uzabona.....

  • @Nzovu....itonde,KAGAME azakubitwa nkuko bakubise M23 yari yarashinzwe nawe.BURUNDI kandi ni nayo yatumye M23 bayisandaza nuko ihungira mu RWANDA. Kagame azibeshe atere BURUNDI ubundi azumirwa.NA KADDAFI yarapfuye

  • Politiki we. Ntaryamira na Habyara bishwe n’abafaransa n’abahezangumi b’abahutu b’abanyarwanda batashakaga ko abatutsi bagatuka mu Rwanda.
    Ibyo na parlement yabafaransa yarabyemeje. Kagame ararengana

  • Uburundi bufitiye ideni rikomeye igihugu curwanda kuko aba DD barakoze génocide mu1994 ubu bakaba bidegemvya banakora indi génocide iwabo tuzanababaza nabanyarwanda biciwe ntega marangara mu 1988

  • #Mob ntega na Marangara bishinjwa ca kinwa maraso mwishwa wa satani Buyoka nako Buyoya

  • College de Rilima, iri muri District ya Bugesera, muri province de l’Est du Rwanda! Si muri Kigali. ryari ishuli ry’impunzi z’abarundi gusa naba Ndadaye niho bize

  • Nta muhutu uzorwana ngo atsinde kirazira kuko ntakuri na kumwe barwanira ikindi kandi nta genocide izongera kuba ukundi

    Igisigaye nuguhana byimazeyo abahutu ba barundi basize bakoze genocide mu Rwanda mu 1994 Baka Bari kwidegembya muri CNDD FDD umuriro uzabakira mwumirwe wait and see.

  • NON NTIBIGEZE BAMENYA ABA KOZE UBWO BUBISHA NICOGITUMA UBURUNDI BUGUMABICANA NAKAKERA NOVUGAKOTOREKAGUKORA UBWO BUBISHA KUKO AMAGARA ARUTA AMAJANA

  • Muvuz Gut? Turungike Ic’ipfuzo? Inyishu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.