IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ngozi:Imvukira ziyemeje guteza imbere intara yabo

Ngozi:Imvukira ziyemeje guteza imbere intara yabo

lundi 7 Nzero 2013

Imvukira zo mu ntara ya Ngozi zarahuriye kuri uyu wa gatandatu iginekerezo rya 5 Nzero umwaka w’2013,ku mugwa mukuru w’intara ya Ngozi mu ntumbero yo kurabira hamwe ingene boteza imbere intara yabo.

Izo mvukira zari zitavye inama yari yatunganijwe ku rwego rw’intara kugirango barabire hamwe ingene borangura imigambi y’i terambere mu ntara , ku neza y’abanyengozi bose.Kwari kandi ukwishimira ivyo bashoboye kurangura mu mwaka uheze w’2012. Ivyarangutse mu mwaka uheze ngo bikaba vyatumye iyo ntara ya Ngozi itahukana imidari itari mike mu bisata bitandukanye ku rwego rw’igihugu.

Mw’ijambo ryiwe umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza asanzwe ari imvukira y’intara ya Ngozi yavuze yuko ashimira cane abanyagihugu bo mu ntara ya Ngozi kuko bitanga cane mubikorwa biteza imbere intara yaranatanze impanuro zotuma biteza imbere gusumba.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.