Accueil > Amakuru > u Burundi > Ngozi:Imvukira ziyemeje guteza imbere intara yabo
Ngozi:Imvukira ziyemeje guteza imbere intara yabo
lundi 7 Nzero 2013
Imvukira zo mu ntara ya Ngozi zarahuriye kuri uyu wa gatandatu iginekerezo rya 5 Nzero umwaka w’2013,ku mugwa mukuru w’intara ya Ngozi mu ntumbero yo kurabira hamwe ingene boteza imbere intara yabo.
Izo mvukira zari zitavye inama yari yatunganijwe ku rwego rw’intara kugirango barabire hamwe ingene borangura imigambi y’i terambere mu ntara , ku neza y’abanyengozi bose.Kwari kandi ukwishimira ivyo bashoboye kurangura mu mwaka uheze w’2012. Ivyarangutse mu mwaka uheze ngo bikaba vyatumye iyo ntara ya Ngozi itahukana imidari itari mike mu bisata bitandukanye ku rwego rw’igihugu.
Mw’ijambo ryiwe umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza asanzwe ari imvukira y’intara ya Ngozi yavuze yuko ashimira cane abanyagihugu bo mu ntara ya Ngozi kuko bitanga cane mubikorwa biteza imbere intara yaranatanze impanuro zotuma biteza imbere gusumba.
Marie Claire Ingabire