IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ngozi : Umugabo yagirizwa gusambana n’umukobwa wiwe yaciriwe gupfungwa (...)

Ngozi : Umugabo yagirizwa gusambana n’umukobwa wiwe yaciriwe gupfungwa ubuzima bwose

jeudi 22 mars 2018

Mu rubanza rwabaye kur’uno wa gatatu igenekerezo rya 21 Ntwarante 2018, sentare nkuru ya Ngozi yagirije Evariste MINANI ivyaha bitatu, arivyo kugoka ku kizira mu gusambanya abana biwe, gusambanya abana biwe batatu ku nguvu, gufata bunyamaswa abana biwe.

Evariste MINANI, ariyemerera kuryamana n’umukobwa wiweEvelyne HABONIMANA w’imyaka 21,ariko ko baba bavyumvikanye, ibindi vyaha yagirizwa ariko ,arabihakana.

Hejuru y’ugupfungwa, Evariste MINANI yahawe ibindi bihano, birimwo gutakaza ububasha bw’ubuvyeyi ku bana biwe , gutakaza amateka y’ubwenegihugu agenga abantu n’ivyabo , hamwe n’ayagenga imiryango.

Evariste MINANI yari yahagaritswe kw’igenekerezo rya 13 Ntwarante 2018, ariko asambana n’umwana wiwe w’umukobwa HABONIMANA Evelyne.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.