Accueil > Amakuru > Ubutungane > ’’Ntitwiteguye gutsindwa mu mwaka wa 2018 n’izindi twarazitsinze’’
’’Ntitwiteguye gutsindwa mu mwaka wa 2018 n’izindi twarazitsinze’’
lundi 28 mai 2018
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 28 Rusama 2018, Nestor KAYOBERA, umushingwamanza wa Reta y’Uburundi mu karere ka Afrika y’Ubuseruko amenyesha ko Uburundi bumaze gutsinda imanza 24, ko rero uru ari ruto narwo bazorutsinda.
Umuyobozi ajejwe iringanizwa ry’ubutungane akaba n’umushingwamanza wa Reta y’Uburundi mu karere ka Afrika y’Ubuseruko, avuga ko bazokwemera ibizova mu rubanza, ariko bakarwemera mu gihe rushobora kuja mu ngiro.
Umuyobozi ajejwe iringanizwa ry’ubutungane akaba n’umushingwamanza wa Reta y’Uburundi mu karere ka Afrika y’Ubuseruko ,Nestor KAYOBERA, avuga ko mu gihe botsindwa mu mwaka wa 2020, mu rubanza rwatanguye mu mwaka wa 2015, bazomenya uko bifata muri ico gihe.
- Nestor KAYOBERA, Umushingwamanza w’Uburundi mu karere ka Afrika y’Ubuseruko
Nestor KAYOBERA, avuga ko Reta y’Uburundi yonyene, ariyo yo nyene mu karere ka Afrika y’Ubuseruko itaratsindwa urubanza na rumwe, mu manza bwaburanye, kandi ko ititeguye gutsindwa mu mwaka wa 2018.
Abajijwe kw’ibanga bakoresha kugira batsinde imanza zose baburana muri sentare y’akarere ka Afrika y’Ubuseruko, Nestor KAYOBERA, avuga ko basoma amategeko akaba ariyo bishimikiza mu kuburana.
Urubanza rwari rwashingishijwe mu mwaka wa 2015, imbere y’uko amatora aba mu Burundi, rushingishwa n’abahurikiye mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike hamwe urunani rw’abashingwamanza muri Afrika.
MUGISHA Van Naris
Messages
28 mai 2018, 17:47, par zebras promotion
Andika hanomur’abagabo kandi muri nabashingantahe imanza nkizo nizidutesha umwanya uwo twatay urarnz ubu nukwiteza imber.amahoro umutekano birakwie gusa agahimbo kibagiza io umunt yavuy.mwirambir.
28 mai 2018, 17:56, par Manirakiza
24 zose atanarumwe mutsinzwe ahubwo mukoresha abavyeyi
29 mai 2018, 08:06, par Mahoro
None abitwara bitwariye Uburundi canke bitwariye Petero Nkurunziza ?
Muduhe umuco.
29 mai 2018, 08:06, par Mahoro
None abitwara bitwariye Uburundi canke bitwariye Petero Nkurunziza ?
Muduhe umuco.
31 mai 2018, 10:38, par kabuga
Burakeye si kera haze gutwara uzoca imanza zibereye kandi yicishije bugufi atowe n’Imana.Ntazova muri CNDD-FDD canke o
Muri opposition kuko bose bafise le non dit.