IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Nzobonariba : "Haracari abacamanza bagikoreshwa"

Nzobonariba : "Haracari abacamanza bagikoreshwa"

samedi 15 Mukakaro 2017

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 14 Mukakaro 2017, Firipo NZOBONARIBA yavuze ko Reta izi ico kibazo kandi yaravyumvise ko hari inkozi z’ikibi zirekurwa n’ubutungane kandi zafatanywe itonga, ariko ko ari intambamyi n’urugamba Reta yamamwo.

N’ aho hari abarekurwa, Firipo NZOBONARIBA avugira Reta y’Uburundi avuga ko bidasigura ko abakora ivyaha badahanwa, kuko yaba igiporisi canke ubutungane ivyo bisata vyose bikora neza.

Firipo NZOBONARIBA amenyesha ko namba hari inkozi z’ikibi zirekurwa mu buryo butumvikana kandi zafatanywe itonga, ata nkeka ko hari abacamanza bagikoreshwa n’abandi bantu batazwi.

Yagize ati : «Hari intahaha canke bafise ababakoresha bari hanze, babasaba gukora ibikorwa bitukisha ubutungane kugira bace babajana mu bindi bihugu. Intumva ziriho kandi ziravuka, ariko ntibizokwijana

Ku bijanye n’abarekuza abantu bavuga ko ari amategeko avuye hejuru, umunyamabanga akaba n’umuvugizi wa Reta y’Uburundi yavuze ko ata hejuru habaho ku mucamanza, kuko ikiri hejuru ari amategeko.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Iconoshikiriza kumadosiye akorwa nigi porisi, kumadosiye yandikwa nigiporisi cashi usanga arayakarenganyo! akarorero, iyumuntu ariko arasambishwa, arakubitwa agashaya, tutibagiye bimwe vyogucumita ishinge kumagara, guturirwa hakoreshejwe imigeto ishushe, canke ubushashe, harinubundi buryo bakoresha, mugusambisha uwafashwe; kumufatira kwinkoho ngo utavuzibi turakugira nkuko twagize abandi, ati urabona aryamaraso?. Mwuwo mwanya uwomuntu ashobora kuvuga nivyo atigeze akora kuvakivuka kugira rwarabe koyorokora nigufa!, Abacamanza iyobamaze kwakira iyo dosiye barakurikirana bakaraba yuko uyo muntu yasambishijwe muburyo bwemewe namategeko.
    Abavuga yuko barekura abantu hatazwe igiturire, ivyo sivyukuri,
    muzokurikirane nkabantu bashikirizwa ubucamanza, hariho nabusanga bitagikunda kobicara,canke ngobahagarare bivanye nuburyo baba basinzikarijwe ubuzima.
    Kubivurwa kubantu bafatanwa amatonga, haraba porisi batoye umugambi wokurementaniriza abantu kuvyo batakoze!, akarorero. umu porisi kwinjirana munzu yumuntu ibibirwanisho bibiri canke bitatu, mwuwo mwanya wogusaka iyasohotse acaza yivugira yuko haribirwanisho bamufatanye munzu.
    Witegereje uwomuntu nukwinkoho ifatwa ntanivyazi, iyubucamanza burekuye umuntu nkuyo ninaho ucusanga abakoze ayo manyanga, bacabidoga rwabantu barekurwa hatazwe ibiturire.
    Ngaha muburu nkabafuzwe bazira ikirukuri ni 20-0,abafuzwe bazira ubusa ni 80-0.
    Kubwivyo iyombonye harabantu barekuwe nabacamanza, hakaboneka nabidodomba, binyemeza neza kohano muburundi hakiriho abacamanza bukuri bandakorera kugitsure caba nyeporitike. Murakoze

  • Nta kazi kagoye kw’isi nzima nko kuba Umuvugizi wa Leta y’Uburundi. Ubutungane bw’i Burundi bukoreshwa n’abari mu nzego zo hejuru z’igihugu Nzobonariba yita "abandi bantu batazwi."

  • Naho nzi neza ko iciyumviro canje kidahita, uwo muvugizi wa Leta avuga yuko hari "abandi bantu batazwi...canke ngo bafatanywe itonga" yotubwira neza ingene Uwamahoro Désiré yejejwe n’ubutungane?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.