IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > OBR irashima umwimbu w’igice ca mbere c’umwaka w’2017

OBR irashima umwimbu w’igice ca mbere c’umwaka w’2017

jeudi 13 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Ikigo OBR cashikirije kuri uwu wa kane icegeranyo c’ibikorwa bikuru bikuru ikigo vyakozwe mu gutororokanya amakori n’amatagisi mu mezi atatu aheze, kuva mu kwa mbere gushika mu kwezi kwa gatatu.

Mu kigo OBR bavuga ko mu mezi atatu ya mbere y’umwaka w’2017, ikigo OBR cinjije mu kigega ca Reta amakori agera ku miriyaridi 178.6, hakaba hari hategekanijwe ko hokwinjiye ayangana imiriyaridi 170.7

Muri OBR barabiye ku makori yatanzwe mu mwaka uheze muri ico kiringo nyene, basanga harengako imirayiridi 28.8

Kugira bashike kuri ivyo biharuro, muri OBR bamenyesha ko babandanije kurwanya bivuye inyuma urudandazwa rwa magendo, hamwe no kurya ibiturire.

Mu migambi ya kazoza, muri OBR bavuga ko bagiye kwongereza igitigiri c’abatangakori, ugwanya igiturire n’urudandazwa rwa magendo, kubandanya gushiraho imigambi, hamwe n’ukwigisha no guhimiriza abatangakori.


IGIHE

Messages

  • Nivyiza Gutanga Ikori Ariko Kubifungurwa Barabe Bagabanye Abantu Batobato Inzara Iratwica Barorera.Kobataduza Umushahara None?

  • HAZA INDAZANYU ABANYAGIHUGU NABO INZARA IBAGEZE HABI GABANYA AYO MAKORI ESE ABANYAGIHUGU KOBAKE NAMWE MWIHAGIYE UBWO MURAMARAMARA BIBUKE HARIGIHE BOZICHONJECHA NAMWE MUKUNVA NTIMUBONE BINUMIYE

  • None kobimbura ariko abarundi bakaguma babweja ngoharinzara ?

  • None Ko Inzara Iriko Itwica Kandi Twumva Imiliardi Arinyishi Muri (OBR).Ayo mahera kubanyagihugu burya azotugirira akamaro? cank azotumarira iki? ninzara itwishe?.ngaruke naho kuvyibifungurwa twumva ngo barabikoroye nga 3 mois Kobitarashika? Bizoteba Bishika? Canke Ntibizonahaba. Babebareka Guhenda Abanyagihugu Ngo Hari Ivyobabakuri Yeko Amakori Kubidazwa Ngo Basumeborohewe,kobatabishira Mungiro?

  • Odira Mututsimwiza,

    None muzokwama mwicaye ngo inzara ntizobica! Ukwirigwa mu marigara kubatari bake sinzi ko bibagaburira.Ubunebwe buri mu Barundi batari bake , n’abakoze bagakora nabi sans rationnaté niyo nkomoko y’inzara n’ubukene. Umuntu akizwa no gukora. Ni bangahe bazinduka igitondo gushika bwire bicaye, ariko inda iticaye? Kandi muri abo harimwo abahejeje amashure mbere na za kaminuza, ngo barindiriye aho bazobahamagarira kw’iradiyo.Niyo womuha umutahe aherera mu biyeri. Gende muri ibinebwe.

  • Mbeg aho uvug ibi chomeur vug ati hariho bamw not gufatira hamw ibi chomeur kuko turi benshi twipfuz umutah ariko uwukureh?? Rek sha iyaguhay nubu iracacatanga kndi ntirobanur kubutoni

  • @Odira mututsimubi. None muzahora mutavana amaboko mumpuzu hanyuma mutake ngo inzara!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.