IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > OLUCOME : Ingingo y’ugukura amakori ku biribwa bimwe bimwe ntaco (...)

OLUCOME : Ingingo y’ugukura amakori ku biribwa bimwe bimwe ntaco yamaze"

mardi 25 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Mw’ishirahamwe OLUCOME ryiyemeje kurwanya abarya ibiturire n’abasesagura amatunga ya Reta bamenyesha ko ingingo z’imperekeza zitafashwe.

"Bafata ingingo kugira banezereze abantu, ariko izo ngingo bafashe ntiziheze ngo zikurikirane n’ibikorwa nyavyo. Mugende murabe kw’isoko musanga kubera vyahuriranye n’iyimbura, umuceri n’ibiharage vyakuweko ijana rimwe kandi vyaduze kabiri."

JPEG - 94 ko
Gabriel RUFYIRI, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME

Mw’ishirahamwe OLUCOME banegura kandi ko itegeko rivuga ibidandazwa vyakuweko amakori ryaje ritevye, inyuma ya hafi indwi zitatu umukuru w’igihugu yemeje iryo tegeko. Aho ni mu gihe iryo tegeko nomero 1/010 ryo kuwa 27 Ndamukiza 2017 vyari bitegekanijwe ko ritanguye gushirwa mu ngiro uwo munsi nyene riterwako umukono, nk’uko vyari biri muri iryo tegeko ryemejwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi, ariko urutonde rw’ivyo bidandazwa rukaba rwasohotse kw’igenekerezo rya 12 Rusama 2017, ni ukuvuga inyuma y’indwi zibiri iryo tegeko ryemejwe.

Kuba iyo ngingo yahuriranye kandi n’iyimbura, muri OLUCOME bavuga ko vyari bigoye gusuzuma ko yagiriye akamaro abanyagihugu.

"Nico gituma twari twasavye ko Reta yategerezwa gushiraho iyo ngingo mu kiringo c’umwaka wose, hakajaho n’umurwi w’abashingamateka bokurikira ko iyo ngingo itariko yungukira abadandaza, abanyagihugu ataco bariko barahatora.", uko niko Gabriel RUFYIRI arongoye OLUCOME abivuga, akamenyesha kandi ibishorwa hanze n’ivyinjira bivuye hanze biza mu Burundi bitandukanye cane, ari naco gituma Reta igurira ibintu vyinshi hanze mu gihe yimbura bike ishora hanze.

Ivyo biribwa vyakuweko amakori ni inyumbati, ifu y’imyumbati, intete z’ibigori, ifu y’ibigori, umuceri hamwe n’ibihagage vyumye.

Iyo ngingo izohera kuri uwu wa kane igenekerezo rya 27 Mukakaro 2017


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.