IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > OLUCOME : "Intererano amabanki yahaye inama nshingamateka ni (...)

OLUCOME : "Intererano amabanki yahaye inama nshingamateka ni igiturire"

vendredi 3 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Gabriel RUFYIRI, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME amenyesha ko ivyo vyakozwe n’ishirahamwe ry’amabanki mu Burundi bitandukanye n’amasezerano mpuzamakungu ya ONu y’ukurwanya igiturire. Kubwa Gabriel RUFYIRI, amashirahamwe y’abigenga hamwe n’inama nshingamateka bahurira ku makori gusa, akavuga kandi ko bigoye ko ishirahamwe ryigenga ryokwanka gutanga intererano ribisabwe n’inama nshingamateka.

Gabriel RUFYIRI agereranya iyo ntererano yahawe inama nshingamateka nk’ukugura alami ka muntu, kuko atawofata ingingo itorohereza uwuhora amuterera.

"Nihagera aho inama nshingamateka itora amategeko avuga uturusho duhabwa amabanki hamwe n’ababitsa muri ayo mabanki, birumvikana ko abashingamateka bazohengamira ku neza y’ayo mashirahamwe y’amabanki, mu kwibagira ineza y’abanyagihugu abo bashingamateka baserukira. Ico ni igiturire, kuko inyungu zari kuronka abanyagihugu zica zitakara. Uwuguha intererano nta ngingo n’imwe itakworohereza yofata."

JPEG - 94 ko
Gabriel RUFYIRI, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME

Gabriel RUFYIRI arongoye OLUCOME abandanya amenyesha ko atawusaba intererano uwutanga ikori, agasaba ko inama nshingamateka yoshira mu mafaranga ikenera ku mwaka ayo akoreshwa muri izo nkino zama ziba uko umwaka utashe.

Tubibutse n’amafaranga yakoreshejwe mu nkino nk’izo nyene zabaye mu mwaka uheze yatanzwe n’iryo shirahamwe ry’amabanki mu Burundi.

JPEG - 21.1 ko
Audace BUKURU arongoye iryo shirahamwe ry’amabanki yose mu Burundi (i bubamfu), hamwe na Pascal NYABENDA, umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi (i buryo)

Audace BUKURU arongoye iryo shirahamwe ry’amabanki yose mu Burundi yamenyesheje ko batanze iyo ntererano mu ntumbero yo gufasha inama nshingamteka y’Uburundi kugira izokwitabe izo nkino zama ziba mu mpera za buri mwaka, nk’uko babikoze ku mwaka uheze.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Uwo mugabo yakiriye iyo ntererano ntimumuzi! Vyagenze gute gushika atware umugambwe CNDD/FFD hanyuma akaba umukuru w’inama nshingamateka? Igihe abandi cariko kirabavuna we yari yibereye i Nairobi. Ni inkuru yo kugarukako mu misi iri imbere.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.