IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Pamela CAPIZZI yirukanwe mu Burundi

Pamela CAPIZZI yirukanwe mu Burundi

vendredi 7 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Uwuserukira mu Burundi ishirahamwe mpuzamakungu TRIAL International yirukanwe mu Burundi. Pamela CAPEZZI ntiyabwiwe igituma yirukanwe, akaba yabwiwe ko ari amategeko avuye hejuru, amutegeka kuva ku butaka bw’Uburundi.

Pamela CAPIZZI yatswe uruhusha kw’ukuba mu Burundi (Visa) ku muhingamo wo kuri uwu wa kane, mu gihe ishirahamwe aserukira mu Burundi ryariko ritanga inyigisho ku bashingwamanza bo mu Burundi, ivyo vyigwa bikaba vyari guhera kuri uwu wa gatanu.

JPEG - 108.4 ko
Pamela CAPIZZI wo mw’ishirahamwe TRIAL International

Ishirahamwe TRIAL International ryatanguye gukorera mu Burundi kuva mwaka w’2011, mu bikorwa ahaniri rikora akaba ari ugutanga ivyigwa vy’ingene abashingwamanza bitura sentare ya Afrika ijejwe agateka ka zina muntu, hamwe n’ugukarihiriza ubwenge abashingwamanza b’Abarundi, abaharanira agateka ka zina muntu, n’ugufasha abantu kwitura ubutungane.


IGIHE

Messages

  • ABONYENE NIBOBANYIRABAYAZANA TOKESHA IZO BUMBAFHU

  • Mwari mwaramutebeje nimdirukane Kandi mbaya na Clistophe batuvireho.

  • Hhaahhh Ubutegetsi bugeze ku manga,na bado

  • nivyiza, ubunaho hazokwirikira abaserukira ubumwe bwuBURAYI hamwe nabaserukira cagishirahamwe cabazungu ngo ni ONU banyakugorwa.

  • LETA YI BUJUMBURA YATAYE UMUTWE.AHO YANSEKO ABASHINGWAMAZA,ABACAMANZA,NDETSE NABAHEKUWE ABABO BANYA UKOBOKURIKIRANA URUBANZA.ARIKO IYO LETA NYENE ISIMBA IVUNIKA.BURIRA NTIBUTEBA IMPESHI.ABAKOZE IVYAHA BOSE BATEGEREZWA GUKURIKIRANWA UKOVYOGENDAKWOSE.

  • Ahubwo nashime ko yagiye neza batamufashe ku nguvu,erega aba s’abantu

  • Nagira nkebure abobagabo batukana ko bariko batyoza igihugu kukimico yigihugu c,BURUNDI ntiyihanganira ibitandero.ntimuze musubire gutukisha ABARUNDI.

  • NZOYISA UHUBWE MWE MWARIMU BAYOHOKUBWABANZUNGU BUCAMUJAHE UBURUNDI BURIKWIYE IRUKANABO ABABITWAZA BAMWE BAKUDETA TUZOKORA MPAKA BAFATWE BARAVYITEYE BIBONA NBE ABOBAZUNGU NTAWABOBAGIRA NABOKUZAGUTORATORA MUBURUNDI BAWONDOKE KURE

  • NZOYISA UHUBWE MWE MWARIMU BAYOHOKUBWABANZUNGU BUCAMUJAHE UBURUNDI BURIKWIYE IRUKANABO ABABITWAZA BAMWE BAKUDETA TUZOKORA MPAKA BAFATWE BARAVYITEYE BIBONA NBE ABOBAZUNGU NTAWABOBAGIRA NABOKUZAGUTORATORA MUBURUNDI BAWONDOKE KURE

  • Mbega Yemwe None Uwo Niwomuti?Mbega Bwabukene Busagirije Igihugu Cacu Bucabuhera?Ukwo Nukwihenda.Niyigire Amahoro Imana Imurinde.

  • Oyantirwitaha uwogomba kwigiravyishi naje kuvyigirira hiyo.iyongingo nintabanduka. Mutatubona tubatubabona.

  • AHUBWO.ARATOMBOJE.KOBATAMWISHE.BAKABA.BAMWIRUKANYE.NINEZA.AHUBWO.ARACITSE.AZEYIHE.POR.NIYASHIKA.IWABO.

  • Mbega haruwo vyotangaza kubayirukanwe !murazi yuko, abategetsi bogaha muburundi kobaterekwa ibijanye nagateka kazina muntu. kubwivyo babonye yuko harivyishi abenigihugu bohungukiye, ariko baribesha abarundi ntituribijuju.

  • Aaaaaaaaah nukuri ntareta iriho muburundi,none mwe mwaba cndd fdd nimubona ko igihugu mumaze kugita mumanga,kwakweli munaleta haya.icho muzi mwe aba cndd fdd nukwicha nugusahura tutibagiye gutukana na kwakweli birabasa.nukuri burundi umazekugwa mwisanganyaaaaaaaaa.

  • Mwato mwamutebeje wumva atari muri babandi bigisha imigumuko hahaha nagende avyigishe abana biwe twe twarabiye miri colonie temba bazungu ntakibanza mugifis hano mugihugu CIZA nkiki

  • Moridekayi nagirankuramutse nkwipfuriza kwiga kuvuganeza!! Ivyutumva sabarundibose batavyumva buvuga kugiti cawe wenyene.canke urabe aho politique yuburundi igeze kuko uracarikure cane!! Gerageza ujehamwe nabandi barundi beshi bazahobageze nihuzomenya ko wibesha munyandiko zawe.nabandibose bameze nkawe mwikebuke musubire muruhongore muvuge nkabatundi babushitse.(EREGA ABARUNDI NTITUVUGA NKABANDI MUMVUGO NOMUGUTWARIBINTU BUHORO!!ARIKO KWANKA NOKWEMERA TURABISHOBOYE)

  • @Molodikayi, abategetsi bi Burundi ngontiberetwa ivyagateka kogukubita amakudeta noguturira abantubabona ivyoreronivyo bitumawewe nabobazungu bawemuvugako aribabi?

  • Mbazumutima Jerome, nagomba nkubwire ntaporitique ngaho mbona yarabataye kuwamazi!!,ngo mba kubwizukuri ntamusi nzigera nifatanya nabeshi batubaha amategeko, na gateka kazinamuntu, jewe ivyo na ndika ndavyandi mfatiye kuvyo mbona, nabarundi bumutima beshi basazwe babona, Nkubwire ncuti muzokwemezwa vyanka bishoboka.

  • Utinkoko ntuta ico ibitse.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.