IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Patiri CIZA Jean Marie yarekuwe vy’agateganyo

Patiri CIZA Jean Marie yarekuwe vy’agateganyo

vendredi 2 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Patiri CIZA Jean Marie yari yarengutse mu butungane ku muhingamo wo kuri uwu wa gatatu, muri Sentare nkuru y’intara ya Gitega. Sentare yariko iraba namba uwo mupatiri yobandanya kuburana yidegemvya canke apfunzwe.

Ingingo ya Sentare yari yitezwe kuri uwu wa gatanu, ni ukuvuga inyuma y’amasaha 48 ubutungane bumwumvirije.

Patiri CIZA Jean Marie yahora akorera muri Diyoseze nkuru ya Gitega yari apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Gitega kuva kw’igenekerezo rya 16 Rusama 2017. Yagirizwa kuba yagerageje gufata ku nguvu umwana w’umwigeme.

Patiri CIZA Jean Marie yafashwe n’igendereza rikorera mu ntara ya Gitega, aca ashikirizwa Parake y’aho i Gitega.

Inyuma y’ukwumvirizwa na Parake nkuru ya Gitega, Patiri CIZA yaciye ajanwa gupfungirwa mw’ibohero rikuru rya Gitega, kw’itegeko ry’umushikirizamanza mukuru w’intara ya Gitega.

Mu giporisi bavuga ko Musaseredoti wa Ekereziya Gaturika yafashwe kubera amasanamu umwigeme yajanye mu giporisi yerekana igihe Patiri Jean Marie CIZA yariko agerageza gufata ku nguvu uwo mwigeme w’umunyeshuri yiga mu mwaka w’icenda.

Patiri CIZA Jean Marie agiye kubandanya aburana yidegemvya, ariko akaba azova mw’ibohero rikuru rya Gitega kuri uwu wa mbere.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.