IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Intwaro ibereye > Petero NKURUNZIZA " Uwukómōrewe ahimbarwa kurusha uwugabanye"

Petero NKURUNZIZA " Uwukómōrewe ahimbarwa kurusha uwugabanye"

Monday 2 July 2018, by Jean De Dieu

Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Uburundi;

1. Tubanje gushimira Imana Mushoboravyose yaduhaye igihugu ciza camye kirangwamwo abagabo nyabagabo, ari nabo batugiye imbere mu rugamba rukomeye rwadushikanye ku ntahe y’ukwikukira.

2. Igihe twariko twigina Isabukuru y’imyaka 50 Uburundi bumaze buhabuje Intahe yo kwikukira, twaribukije Abarundi ko Igitabu twandikamwo amazina y’Intwari kitaruzura, duca tubasaba kubandanya bagaragaza Ubutwari n’Ubuhizi kandi turashimishwa n’intambwe duteyeko muri iyo ntumbero.

3. Hari uwokwibaza ati mbega ni kuki twama twigina uyu musi uko umwaka utashe? Inyishu si iyindi tuzokwama tuwigina kuko uwukómōrewe ahimbarwa kurusha uwugabanye.

4. Kuri uno musi rero turamutse duhimbaza imyaka 56 irangiye duhabuje intahe y’ukwikukira kw’igihugu cacu, iruhande yo gutamba tugatarika twigina ukwishira no kwizana twahabuje, ni akaryo keza ko kwibuka abiguze Uburundi bose, abo tuzi n’abo tutazi, duhereye ku Muganwa Rudoviko Rwagasore n’Umushikirangoma wa mbere Petero Ngendandumwe.

5. Ntitwokwirengagiza kandi Intwari nka Ntare Rushatsi Cambarantama na Ntare Rugamba dukesha Igihugu c’Uburundi, hamwe na Mwezi Gisabo yagiye imbere Abarundi mu kurwanya umuzo w’abakoroni. Aha mwomenya ko abakoroni b’Abadagi baduhekuye Abarundi barenga 5000 mu ntambara yo kugwanira Intahe yo Kwikukira n’Ubwigenge vy’Uburundi.

6. Turipfurije Umusi Mukuru mwiza Abarundi bose aho bari hose, tutibagiye n’abanyamahanga baba mu gihugu cacu. Muwuhimbaze muzirikana ingene abakurambere bacu baremesheje urugamba rutari rworoshe, bakaburabuzwa, bamwe bakicwa, abandi bakangazwa, abandi bagapfungwa, ariko ntibacika intege, bararugwana kandi bararutsinda.

7. Uyu musi rero, mu kanyamuneza kadasanzwe dusangiye twese, tuwuhimbaza twisunze iki civugo:« Dutsimbataze Intahe y’Ukwikukira mu kugendera Ubumwe n’Ibikorwa, vyo Soko ry’Iterambere».

Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Uburundi;

8. Kuva aho abakoroni b’Abadagi bashikiye mu Burundi mu mwaka w’1896, Intahe yo Kwikukira yarahungabanye. Mu mwaka w’1903 hoho vyarunyutse.

Amasezerano y’i Kiganda hagati y’Umwami Mwezi Gisabo n’abakoroni b’Abadagi yatumye Uburundi bunyagwa Intahe, Ijambo, Iteka n’Itekane bwari bumaranye imyaka n’imyaka. Inyuma y’Abadagi, hakurikiye abakoroni b’Ababirigi mu mwaka w’1916, na bo nyene baza basongera isibe.

9. Uretse gucurwa bufuni na buhoro, kurima ntibimbure hakimbura abakoroni, ubukoroni bwarateye ingorane mu mibano, ikitavuzwe rero ni kuburabuzwa.

10. Icababaje Abarundi gusumba ibindi vyose kwabaye ukwakwa ijambo mu gihugu cabo, ingigo zerekeye Igihugu n’Abenegihugu zose zigafatwa batagishijwe inama, tudasize inyuma isahurwa ry’ubutunzi n’isinzikazwa ry’agateka vy’Abarundi, eka no gusenyura Inkingi Uburundi bwari bwubakiyeko nk’Ururimi n’Indero kavukire ishira imbere Ubuntu n’Ubutungane.

11. Ingaruka mbi z’amahano, akabi n’akabibi vyazanywe n’Abakoroni mu Burundi, ziramaze imyaka irenga 100 zibonekeza mu Burundi. Ukwo Abarundi binanata ngo bazivemwo, ni ko Abakoroni na ba mpemuke ndamuke atako batagira ngo basubize Uburundi mw’ihumbi.

12. Turakenguruka ko Umurwi ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha Abarundi uri ku kivi, amabi yakozwe aje ahagaragara maze Abarundi bamenye ingaruka z’ubukoroni. Turakenguruka kandi ivyavuye mu mwiherero w’Inama Nkenguzamateka wabereye mu ntara ya Makamba i Nyanzarake ku magenekerezo ya 14 na 15 Ntwarante 2018. Abakenguzamateka basavye ko umurwi ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha Abarundi wokorera no ku bukoroni; kandi twabifashe nkama. Abarundi babizi rero bitegure kugira babiwushikirize. Twame tuzirikana na ntaryo wa mwibutsa ngo « Igiti ntikigukora mu jisho kabiri».

Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Uburundi;

13. Kugira dushobore guhabuza Intahe y’Ukwikukira, twagize Imana haboneka Abarundi bakunda igihugu cabo, bemera kucigura. Izo mfura z’Uburundi zarazirikana neza ko igihugu, ubwigenge n’ubwenegihugu atari ivyo kwanjanjwako, baraheza baremesha urugamba, barwanira kugira ijambo mu gihugu cabibarutse. Babikoze mu runani rw’intamenwa, bahēmūka bahabuje Intahe y’Ukwikukira.

14. Intahe yo Kwikukira ntiyanezereye abansi b’Uburundi kuko bobo yabakuye amata mu kanwa. Ni co catumye baduhekura Imfura n’Imboneza nk’Umuganwa Rudoviko Rwagasore, Umushikirangoma wa mbere Petero Ngendandumwe, Umwami Ntare wa 5 Karori Ndizeye, Umukuru w’Igihugu Melchior Ndadaye, Umukuru w’Igihugu Sipiriyano Ntaryamira, Jenerari Adolphe Nshimirimana n’abandi benshi.
Nico gituma dutegerezwa kwama turikanuye kubera uwo mugambi ugayitse batarawuheba, kandi baca mu nzira nyinshi. Vyose bakabikora mu ntumbero yo kwamiza Uburundi mw’ihumbi.

15. Amaraso y’izo ncungu n’ay’Abarundi isinzi baziherekeje, aho kubera icĭru, n’ikimazi Uburundi, yaje kuvomera imbuto mbi y’amacakubiri yabibwe muri beneburundi n’abakoroni. Gutyo amarira n’amaganya bisaga Uburundi na cane cane mu myaka y’1961, 1965, 1972, 1988, 1993 n’inyuma yaho.

16. Ukwo abansi b’Uburundi bakomeza kubwimbira icobo, niko Imana y’Uburundi yarushirizaho kubucira icanzo, gutyo Uburundi burapfunywa ariko ntibwapfa.

17. Inyuma yo guhabishwa ntibuhababuke, Uburundi bwarahagurukanye Ubugabo burikukira. Mu gutsimbataza Intahe yo Kwikukira, Abarundi barikubise agashi, baraganira, barashika ku masezerano atandukanye hamwe n’iyindi migambi y’iterambere iriko irigishwa mu gihugu mu bisata vyo kwivuna abansi, umutekano, intwaro ibereye, ubutunzi n’ibindi.

Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Uburundi;

18. Birakwiye kandi birabereye ko twidagadura, ko twishima tukishimiriza kubera intambwe tumaze gutera kugeza uno musi. Kukaba nka ko:

-  Duhimbaje uyu musi mukuru, amahoro n’umutekano n’impore bisasagaye mu gihugu cose, dufatanye mu nda mu budasa bwacu, turemesha Intahe y’Ukwikukira, tudatinya gutera ivyatsi abashaka kudusubiza mw’ihumbi.

-  Tuwuhimbaje mu gihe duherutse kugaragaza ko twikukiye koko, mu kwitorera Ibwirizwa Shingiro rihwanye n’ugushaka kw’Abenegihugu kandi dukoresheje uburyo bukomotse mu Benegihugu ubwabo.

-  Tuwuhimbaje kandi mu gihe bubaye ubwa mbere twiteguriye Umugambi w’Igihugu w’Iterambere wizwe ukanonosorwa n’Abarundi ubwabo. Uwo mugambi w’imyaka 10 kuva 2018 gushika 2027, tuwukesha abahinga b’Abarundi 70. Kuva ubu, baba abipfuza kuzana imitahe mu Burundi, canke kudusahiriza mu migambi itandukanye, bose bazokwisunga uwo mugambi wonyene. Turakeje izo ntwari z’Abarundi zadushikanye kuri uwo mugambi.

-  Uwo mugambi ugiye kwandikwa mu Kirundi, wongere ube kimwe mu bigabane bigize za nyigisho zo gukunda Igihugu. Vyongeye, abo bahinga 70 n’abandi tuzokwongerako, nibo bazoca bategura umugambi uzodushikana mu mwaka w’2040; uwo nawo ukaba uzotegurwa guhera mu mwaka w’2022.

-  Tuwuhimbaje Inzego zose zatowe n’abenegihugu ziri ku kivi, kandi dufise umwizero mwinshi ko Intahe y’Ukwikukira, demokarasi n’umutima wo gukunda igihugu bimaze gutera intambwe ishimishije kandi itazosubira inyuma.

-  Tuwuhimbaje tumaze imisi twibukije Abarundi n’Amakungu ko twinjiye mu nzira ya Demokarasi ubutagisubira inyuma mu gutangaza ko tutarota twivuguruza ku vyo twasezeraniye Imana n’Abenegihugu.

-  Tuwuhimbaje kandi mu gihe turiko turafasha amakungu (Somalia na Centrafrique) mu vyerekeye kugarukana amahoro. Na kare « umuntu atanga ico afise ».

-  Tuwuhimbaje kandi mu gihe Uburundi bwashinze koko icumu mu makungu bubicishije mu migenderanire ishira imbere ukwubahana hamwe no gusasagaza amahoro kw’isi yose.
Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Uburundi;
19. Intahe yo Kwikukira si akaganuke twahawe. Abari barayitunyaze n’ubu riraniga kuko bazi neza ko n’aho badusahuye vyinshi hari ibindi vyiza vyinshi basize mu Burundi. Dutegerezwa rero kuba maso imisi yose na hose mu guteramira no guhagararira Inyungu z’Igihugu cacu. Twame tuzirikana ko « Uwutambana na mukeba adakubita urugohe » Ico ni igikorwa ca twese ata n’umwe avuyemwo, dutegerezwa kugikora twiyumvira abuzukuruza bacu. Ni Iteka ry’Uburundi n’Abarundi ibihe vyose na hose.

20. Twipfuza kandi ko zina Murundi wese yomenya neza Igihugu ciwe, akakizirikana. Kugira dushike kuri iryo hangiro, bidusaba gutegera ko ata gihugu na kimwe kitagira Ibanga. Ibanga ry’Uburundi naryo turisanga ahanini mu bimenyetso nk’Ingoma, Inyenyeri y’amasonga 6, Isaka, Intare, Icumu, n’Amabara vyamye bigaragara mw’Ibendera ry’Uburundi, hamwe n’Ivyivugo: Imana-Umwami-Uburundi; Ubumwe-Ibikorwa-Amajambere.

Ivyo n’ibindi vyinshi ni Iragi ryiza twarazwe n’abadushikanye ku ntahe yo kwikukira hamwe n’abayihabuje. Ni navyo birimwo Ibanga rihambaye rigize Uburundi n’Abarundi. Umurundi wese ategerezwa kumenya no kuzirikana iryo banga ibihe vyose na hose, kandi iryo banga ritegerezwa kuba uruhererekane hagati y’abavyeyi n’abana kuko « Uwutayaze na se ntamenya Umugani wa sekuru ». Bitabaye ukwo Uburundi bwogenda akagirire, bukazimangana amazimayongo nk’uko abansi b’Uburundi bavyipfuza.

21. Turasubiriye gushimira Abenegihugu bose kandi tubatera intege kugira ngo ingendo nziza baherutse kwereka amakungu ko ari bo bene Igihugu, ko aribo bajejwe kwitunganiriza ivy’igihugu mu kwitunganiriza no kwitorera Ibwirizwa Shingiro, ize yame ibaranga mu buzima bwabo bwose.

22. Murame mwibuka ko ubwigenge bwacu, ubumwe bwacu, n’umutima wo gukunda igihugu cacu biza imbere y’ibindi vyose mu bituma Uburundi bugira Ijunja n’Ijambo mu makungu, bikanatsimbataza Intahe y’Ukwikukira.

23. Twibukanye kandi ko Uburundi atari abagize Reta gusa, si abatavugarumwe na Reta canke abikorera utwabo, Uburundi ni urunani rw’Abenegihugu mu budasa bwabo bwose; ni kandi Igihugu c’abariho uno musi n’abataravuka. Uburundi ni Iragi ryiza dukesha abatuboneye izuba, dukeneye kumenya Ibanga ryabashoboje kwita Uburundi amazina y’ubuhizi, y’akaranga n’ubutore ; Igihugu c’Amata n’Ubuki, Umutima wa Afirika.

Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Uburundi;

24. Intahe y’Ukwikukira mu bijanye na poritike twarayironse kandi iteye ku ntambwe ishimishije. Ico umwe wese yokwibaza, ni icokorwa kugira iyo Ntahe itsimbatare kurusha? Inyishu tuyisanga mu Civugo:

« Dutsimbataze Intahe y’Ukwikukira mu kugendera Ubumwe n’Ibikorwa, vyo Soko ry’Iterambere». Dutegere neza ko dutegerezwa gusenyera ku mugozi umwe kugira dushobore gutera intambwe mu bindi bisata bigize ubuzima bw’igihugu.

25. Igihugu cacu carahezagiwe. Imana yaragitatse ubwiza butamarirwa kandi bugahurumbirwa na benshi, tutibagiye ubutunzi buboneka n’ubutaboneka. Tuvuga Ururimi rumwe, dusangiye Imico kama n’Akaranga; dufise abantu benshi kandi bakunda ibikorwa; dufise isi imera, akayaga keza, amazi menshi kandi meza, imvura igwa amezi icenda ku mwaka, ubutare butandukanye bwinshi, n’ibindi. Ivyo vyose ni inzira irashe itegerezwa gushikana Aburundi ku bwigenge mu vy’ubutunzi, bakaboneraho kwigaba no kwigaburira, batibagiye gutegura kazoza. Dusabwe gukoresha ubwenge, ubushishozi, ishaka n’ubukerebutsi Imana yaduhaye.

26. Reta izobandanya itanga umwavu uhinguye ku gihe, irwanye intambamyi zitubuza kuronka umwimbu mwinshi, nk’inkukura, uruzuba, udukoko dutera ibiterwa, ingwara zikunda gusinzikaza ibitungwa, n’ibindi.

27. Reta izobandanya kandi ishigikira ibiterwa njabukamazi, kugira tubishore ku bwinshi mu bindi bihugu, turonke amafaranga y’agaciro yo kurangura imigambi itandukanye tutarinze kuzera inze.

28. Mu gisata c’amasoko ntanganguvu, tuzobandanya kwiyubakira ingomero z’umuyagankuba, Abenegihugu bawuronke ku rugero rushimishije, birangurire imigambi y’iterambere. Umugambi wo kurwiza umuyagankuba uvuye ku zuba no ku muyaga nawo nyene uzobandanya.

Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Uburundi;

29. Intahe y’Ukwikukira itegerezwa kuduha ishaka n’umwizero vyo guhinduka no guhindura ibintu, tukagira ubwigenge mu vy’ubutunzi. Vyaratangaje benshi bumvise ko dusigaye twitegurira amatora ata mfashanyo dusavye hanze, yaba ayo mu 2015 canke ayaheruka y’Ibwirizwa Shingiro. Kira noneho, « Amazi masabano ntamara imvyiro, kandi akimuhana kaza imvura ihise».

30. Turibukije ko umwaka w’2018 twawise Umwaka wo gufata Ingingo. Biramaze kugaragara ko hibonekeza inyifato zitabereye iyo amatora yegereje canke mu matora nyezina. Turamenyesheje ko tutazokwihanganira uwo wese yohirahira agasahura canke agasesagura itunga ry’igihugu.

Dusavye Abarongozi bose kwerekana ingingo zafashwe ukwo ukwezi gutashe mu kwubahiriza iyo ngingo. Atari ukwo bizoba bigaragara ko bakingira ikibaba abanyonyezi kandi bazobihanirwa. Twame twibuka ko « Uhishira umurozi akakumarira abana ».

31. Dusavye Zina Murundi wese na cane cane abakozi ba Reta guteramira no guhagararira Ubutunzi bw’Igihugu nk’uko bobigira ku butunzi bwabo bwite. Bene abo banyonyezi boja mu murwi w’abaciribwa imanza z’ikibiriraho cane cane hakurikijwe kugaruzwa umutungo wa Reta.

32. Turateye akamo abajejwe umutekano n’igendereza, hamwe n’abajejwe ubutungane ngo barushirizeho gukingira itunga ry’igihugu. Abari muri izo nzego nabo nyene tubasavye kwigengesera, babere akarorero keza abandi Barundi kuko na kare «Uwutera ubureza arabwibanza ».

33. Iruhande y’Imigambi myiza tuzobandanya mu bijanye n’amagara y’abantu n’indero n’inyigisho, tugiye kubandanya wa mugambi wo kuzirikana Igihugu cacu mu ntumbero yo gutegura urunganwe ruzodukorera mu ngata ruzi neza iyo twavuye, aho tugeze n’iyo twerekeza.

34. Umugambi wo kugwiza amashure y’imyuga mu gihugu cose ufise intumbero yo kwigisha urwaruka no kurufasha kwitegerurira kazoza, rukamenya kwitunganiriza imigambi ruri mu mashirahamwe, rugatera imbere rugateza imbere na barumuna barwo nawo nyene tuzowubandanya.

35. Rwaruka, ntimwihebure, tegera ko mushoboye vyinshi kandi ko iterambere ryanyu atari indoto nimwakoresha ubwenge, ubumenyi n’ubushobozi mufise. Nimufatire akarorero ku runganwe rwanyu rumaze kwitunganiriza imigambi kandi rugatanga n’akazi. Imbere ya vyose, murame mwitwararika indero kavukire yamye iranga Abarundi. Kwigumya, kwiyumanganya, kugendera Iteka n’Ibanga mubigire ingendo.

36. Abavyeyi tubasavye kwitwararika kurusha ibanga ryo kurerera Uburundi no kubera akarorero keza urwaruka n’abana banyu mu mvugo, mu nyambaro no munyifato. Dutegerezwa gukingira urwaruka rwacu imico mibi ishobora kurwonera kazoza. Twame twibuka ko «Ingeso y’urugo itubaka Urundi».

Umutima w’urukundo, gufashanya, gutabarana, gushigikirana, gukunda ibikorwa n’igihugu vyamye biranga ba sokuru kandi bikabatera iteka bisubizwe umutamana mu Burundi. Abavyeyi bokwitwararika kwumvisha urwaruka ko aho Igihugu n’abenegihugu dushitse uno musi tubikesha ingendo nziza yo gukunda igihugu yaranze abatuboneye izuba. Bokwitwararika kandi indero yo kuziko no kugarukira Imico kama n’Akaranga vy’Uburundi.

Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Uburundi;

37. Imbere yo gusozera, twashaka tubibutse kwitegurira umusi mukuru wahariwe ikomine wama uba mu ntango z’ukwezi kwa Myandagaro. Ba Buramatari na ba Musitanteri tubasavye guheraheza ibikorwa bizokwinjirwa muri uko kwezi nyene no mu misi izokurikira. Ivyo bikorwa ni bimwe mu bigaragaza ko twikukiye koko. Ni naryo ganuke dushikanira Abarundi b’umutima mu kubashimira ko badushize imbere, tukongera tugatera iteka abahizi n’intwari z’Uburundi bitangiye intahe y’ukwikukira no kuyihabuza. Twashaka kubamenyesha ko dutanguje icese kwinjira ivyaranguwe mu gihugu cose gushika mu kwezi kwa Gitugutu.

38. Turakeje kandi Ubushikiranganji bw’abakozi ba Reta n’akazi bwaraye butahukanye ikibanza ca mbere muri Afirika mu gutunganiriza ababwitura. Ntitwibagiye no gukeza abo bose badahengeshanya gutera iteka Uburundi mu Burundi no mu makungu. Abo ni bo badutera kwishima no kwishimiriza mu kuririmba tuti : « Burundi bwacu, Burundi Buhire, shinga icumu mu mashinga, gaba Intahe y’Ubugabo ku bugingo ».

39. Dusozereye dusubira kubipfuriza umusi mukuru mwiza mwese, tuwuhimbaze tuzirikana ko ari twebwe dutegerezwa gutunganya ivy’igihugu cacu, tugateramira n’ubwigenge bwacu. « Dutsimbataze Intahe y’Ukwikukira mu kugendera Ubumwe n’Ibikorwa, vyo Soko ry’Iterambere».

Imana Mushobora vyose ihezagire Uburundi n’Abarundi;
Intahe yo Kwikukira yiganze mu Burundi ;
Murakoze!


IGIHE

Forum posts

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.