Home > Amakuru > Intwaro ibereye > Pierre Claver KAZIHISE yagenywe kuba umukuru w’umurwi CENI
Pierre Claver KAZIHISE yagenywe kuba umukuru w’umurwi CENI
Sunday 2 September 2018, by
Kubw’itegeko ry’umukuru w’igihugu inomero 126 ryo ku wa 31 Myandagaro 2018 rigena ishirwaho ry’abagize umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora CENI rivuga ko Philippe NZOBONARIBA agenywe kuba umuvugizi w’uyo murwi,Serges NDAYIRAGIJE nawe agenywe kuba uwujejwe ivy’intwaro hamwe n’ubutunzi muruyo murwi.
Abandi bagenywe muruyo murwi ni Jean Anastase HICUBURUNDI azoba ajejwe ibikorwa vy’ubuhinga bwa none bijanye n’amatora,Hyacinthe NIYONZIMA azoba ajejwe ibijanye n’amategeko hamwe na Marguerite KAMANA azoba ajejwe ibijanye n’ibiharuro vy’amatora.
Umurwi ujejwe gutunganya amatora CENI wahora urunogwe na Pierre Claver NDAYICARIYE kuva mu mwaka wa 2010.
IGIHE
Forum posts
2 September 2018, 12:05, by Busurahende
Ngivyo vya biganiro bashinga Mkapa na Museveni bimaze imyaka 3 biragiye mu ngiro. Abanyafrika twamenye kwitunganiriza ivyacu. Ni hahangame EAC na UA.
3 September 2018, 16:59, by kabingo dora
Mbega uwo kazihise azohava ashika imvura ihise ? Yarayobewe no kuvura abantu ubu aje gutwara CENI ? Ibara ryaraguye ndakanezerwa
11 September 2018, 22:33, by Pacifique w vgz,jngw
PETERO NKURUNZIZA ARAKAZEPE!!!!