Home > Amakuru > u Burundi > Pierre NKURUNZIZA:“Ntihagire uwukekeza uwundi afatiye kuco yatoye”
Pierre NKURUNZIZA:“Ntihagire uwukekeza uwundi afatiye kuco yatoye”
Thursday 7 June 2018, by
Mw’ijambo yashikirije abarundi muri komine Bugendana ahejej gutera umukono kw’ibwirizwa nshingiro rishasha ,umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yasavye abarundi ntihagire uwukekeza uwundi afatiye kuco yatoye kuko iryo bwirizwa nshingiro rizoha uburenganzira abarundi bose ata kuvangura.
Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yavuze ati: “N’ibwirizwa nshingiro ry’abarundi bose abaritoye n’abataritoye rizotunganiriza bose abarundi hamwe n’abanyamahanga. ”
Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yavuze ko iryo bwirizwa nshingiro ritaje guhindura inzego canke amategeko ahasanzwe kandi ko amabwirizwa adateye kubiri n’iryo bwirizwa nshingiro azobandanya akwirikizwa.
Umukuru w’igihugu yavuze kandi ko icihutirwa ubu ari ugutsimbataza intahe yo kwikukira ,iteka n’itekane ry’umunyagihugu hamwe no kuja kumurongo umwe n’bindi bihugu vyo muri Afirika y’Ubuseruko
IGIHE
Forum posts
7 June 2018, 18:04, by gahanga
iciza c’abarundi barazi kuvuga nez
a,ariko my bikogwa barusha Hitler!!!
7 June 2018, 18:50, by Cyprien
Mutama Wacu Yavuganezape. Numuhuza Nkuko Yamye. Ahuzuwatoye,oya Na Ego. Nibamwumvire Rero.Abafisagatima Kogutotezabandi Mutama Yarivumereye.
7 June 2018, 20:30, by EEE
NDASHIMYE IRYOJAMBO YAVUGIYI.GITEGA
8 June 2018, 09:50, by Busurahende
Yahinduye imvugo kubera abona hamubabanye, "oya" yatsinze "ego" nta utabizi atari CENI yabeshe hanyuma ya Sentare irapfukapfuka. None wumva yari guca agira gute?
9 June 2018, 06:26, by SIRIYAKO
Turashimye ico mutama yavuze mugabo urwaruka rwimbonerakure rufisb amanyama turababona bazobona ibara batitwayeneza ntagufatanabi umuntu kuco yatoyecose
10 June 2018, 19:11, by bobar
Niyemere Kutanga Ingoma Mumahoro, Kuko Ntawuhora Kungoma Atari Imana Yonyene