IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Rémy BARAMPAMA yagizwe "Umuserukizi adasanzwe"

Rémy BARAMPAMA yagizwe "Umuserukizi adasanzwe"

mardi 6 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Rémy BARAMPAMA ni umukenguzamateka wo mu bwoko bw’Abahutu yatowe mu ntara ya Bujumbura (Mairie).

Uwo mukenguzamateka ari ku rutonde rw’abantu bane bemejwe n’inama nkenguzamateka y’Uburundi kw’igenekerezo rya 16 Ntwarante 2017, kugira bazorungikwe guserukira Uburundi mu makungu. Ibihugu bazorungikwamwo ntibiramenyekana.

Muri abo bane, babiri nibo bamaze kugenwa mu mabanga y’abaserukizi badasanzwe b’Uburundi (Ambassadeurs Extraordinaires et Plénipotentiaires), abo nabo akaba ari Rémy BARAMPAMA hamwe na Docteur Nina Christine NIYONSAVYE, umututsikazi avuka mu ntara ya Bururi.

Kuri urwo rutonde rwa bane bamejwe n’inama nkenguzamateka, hasigayeko Stella BUDIRIGANYA, umututsikazi avuka mu ntara ya Mwaro, hamwe na Martin MBAZUMUTIMA, umuhutu avuka mu ntara ya Bujumbura (Mairie).


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.