IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta y’Uburundi yasavye ko hokorwa urusansuma rw’impunzi ziri muri (...)

Reta y’Uburundi yasavye ko hokorwa urusansuma rw’impunzi ziri muri Tanzaniya

vendredi 30 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Inyuma y’inama yahuje Reta y’Uburundi, Reta ya Tanzaniya hamwe n’ishirahamwe rijejwe impunzi HCR, ku vyerekeye itahukanwa ry’impunzi zipfuza gutahuka ku bushake bwazo, Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukundisha igihugu, Pascal BARANDAGIYE yamenyesheje ko ivyo bitigiri bitangwa vy’impunzi ziri muri Tanzaniya atarivyo kuko bidafatira ku barundi bitahukana ubwabo batarinzwe kwandikwa na HCR.

Mu gihe habaye impari nyinshi zo kutumvikana ku gitigiri c’impunzi ziri muri Tanzaniya, umushikiranganji Pascal BARANDAGIYE yasavye ko hakorwa rusansuma mu guharura umuntu ku wundi, kugira igitigiri c’ukuri c’impunzi ziri muri ayo makambi gihurizweko na bose.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.