IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta y’Uburundi yemeza ko itigeze ihakana kwitaba ibiganiro

Reta y’Uburundi yemeza ko itigeze ihakana kwitaba ibiganiro

mercredi 18 avril 2018

Mw’itangazo Reta y’Uburundi yashize ahabona kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 17 Ndamukiza 2018, ibicishije ku muvugizi akaba n’umunyamabanga wayo, imenyesha ko yamenyeko hari itangazo ryasohowe n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, rimenyesha ko Reta yahagaritse kwitaba ibiganiro bihuza abarundi.

Reta y’Uburundi imenyesha ko, ivyari muri iryo tangazo ry’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU atari vyo, kuko ibiganiro ari umuco n’umugenzo w’abarundi.

Muri iryo tangazo, Reta y’Uburundi imenyesha ko igifitiye icizere umuhuza mu biganiro bihuza abarundi Benjamin MKAPA hamwe na Yoweri Kaguta MUSEVENI, ifatiye ku twigoro bagira mu gutorera inyishu ikibazo c’Uburundi.

JPEG - 80.8 ko
Filipo NZOBONARIBA, Umunyamabanga akaba n’umuvugizi wa Reta

Reta y’Uburundi yemeza ko yashimishijwe n’ivyavuye mu biganiro biheruka kubera i Arusha mu mpera z’umwaka wa 2017, kuko ibibazo bitari bike vyatorewe inyishu, ariko ko Reta yerekanye icipfuzo c’uko ibiganiro vyotahukanwa mu gihugu.

Ku bijanye n’ibiganiro biriko birategurwa, Reta y’Uburundi imenyesha ko iriko iravugana n’umuhuza kugira bahurize kw’igenekerezo rizotuma ibikorwa vyamaze gutegurwa bidahungabana.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.