IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Shabani NDAYISHIMIYE yateguye ibiteramo vya Koffi OLOMIDE yinjiye ibohero (...)

Shabani NDAYISHIMIYE yateguye ibiteramo vya Koffi OLOMIDE yinjiye ibohero rikuru rya Mpimba

jeudi 27 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Yinjiye iryo bohero ku mugoroba wo kuri uwu wa kane, nk’igihe c’isaha cumi na zibiri z’umugoroba, nk’uko vyemezwa n’umushingwamanza Donatien BIZOZA amufasha kuburana. Inyuma y’ukwumvirizwa ku muhingamo wo kuri uwu wa kane, ingingo yafashwe yabaye iy’uko akurwa mu gasho ka PJP aho yari amaze iminsi igera kuri 15, akajanwa gupfungirwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba.

JPEG - 97.6 ko
Shabani Osman NDAYISHIMIYE yafatiwe mu Kirundo ariko agerageza guhungira mu Rwanda adatanze agahembo k’umuririmvyi Koffi OLOMIDE

Umushingamanza Donatien BIZOZA afasha kuburana Osman Shabani NDAYISHIMIYE avuga ko uwo aburanira yoba yafashwe ariko agerageza guhunga Uburundi kubera yabuze amafaranga yoriha umuririmvyi Koffi OLOMIDE. Osman Shabani NDAYISHIMIYE niwe yari arongoye umurwi "Empire Media" watumyeko umuririmvyi Antoine Christophe Agbepa Mumba azwi cane nk’izina rya Koffi OLOMIDE.

Abafashije mw’itunganwa ry’ivyo biteramo vya Koffi OLOMIDE bavuga ko Shabani NDAYISHIMIYE yaronse amafaranga akwiye, ariko yayanyuruje.

Umushingwamanza wa Shabani NDAYISHIMIYE yemeza ko uwo aburanira yahaye umuririmvyi Koffi OLOMIDE amafaranga adakwiye kuyo bari bavuganye, akaba kandi atari bwarihe ihoteri BEL AIR yakiriye uwo muririmvyi, hamwe n’ihoteri SUN SAFARI y’umurwizatunga Siyoni NIKOBIRI yaraje yongera igaburira umurwi "Quartier Latin" w’abatamvyi b’uwo muririmvyi.

Osman Shabani NDAYISHIMIYE yafashwe n’igiporisi ku mugoroba w’igenekerezo rya 11 Mukakaro 2017, afatirwa mu ntara ya Kirundo ariko arondera kwinjira mu Rwanda. Bukeye, yaciye amanukanwa i Bujumbura, apfungirwa mu gasho k’igiporisi kijejwe amatohoza (PJP) muri karitiye ya Jabe, mu gisagara ca Bujumbura.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.