IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > UPD ZIGAMIBANGA yasavye ko ibwirizwa shingiro ryohinduka imbere y’uko umwaka (...)

UPD ZIGAMIBANGA yasavye ko ibwirizwa shingiro ryohinduka imbere y’uko umwaka w’2017 uhera

mardi 4 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Umugambwe UPD ZIGAMIBANGA ubona ko ikiringo c’ukwitegurira amatora y’umwaka w’2020 kiriko kirarengana, uwo mugambwe ugasaba ko ibwirizwa shingiro ry’Uburundi ryohindurwa imbere y’uko uwu mwaka w’2017 uhera, kuko iryo bwirizwa shingiro riri mu bikoresho bikenerwa mu myiteguro y’amatora.

Mw’itangazo uwo mugambwe wasohoye, risomwa na KASSIM Abdul aramutswa uwo mugambwe, basavye Reta y’Uburundi ko yoshiraho umurwi ujejwe kwihweza ivyohinduka muri iryo bwirizwa shingiro, kugira hazoshike mu mpera z’umwaka w’2017 Abarundi bamaze gutora ibwirizwa shingiro rishasha.

JPEG - 55.7 ko
KASIM Abdul, umukuru w’umugambwe UPD ZIGAMIBANGA

Abarundi nabo basabwe kwitegurira kuzotora iryo bwirizwa shingiro, mu gihe bazorirungikirwa muri kamarampaka (Referendum).

Mu vyohinduka muri iryo bwirizwa shingiro, umugambwe UPD ZIGAMIBANGA uvuga ko bidakwiye ko haba ibiringo ntarengwa mu burongozi bw’Uburundi, uwo mugambwe ugasaba ko mw’ibwirizwa shingiro rishasha hoshirwamwo ko uwatowe n’Abarundi yobandanya gutwara igihe cose abamwizeye bomwongera amajwi.

Uwo mugambwe UPD ZIGAMIBANGA wasavye kandi umuhuza Benjamin William MKAPA ko yokwihutisha gusozera ibiganiro arongoye i Arusha, kugira ntihazogire uwuzovyitwaza, mu gutevya amatora yo mu mwaka w’2020.


IGIHE

Messages

  • Ntibabahende ngo uwo ni umu UPD ahubwo ni umu DD ni umwiyorobetsi,kumubiri ni UPD ariko kumutima ni DD!

  • upd zigamibanga uwo mugabo arondera akanono kinkoko nkurunziza azomuha

  • Ko yihutira guhindura ibwirizwa shingiro, bamwemereye iki? Koko nturi UPD ahubwo uri DD kabisa!

  • Uwuvuze ivyo mujeri zidashaka aca yitwa umu dd. Muzopfana ishavu nk’ishuri pe.

  • Murarihindura rizosubizwaho nintambara,abarundi bari inyuma yigihugu turizeye ko batazotumaramaza,abagumyabondo umuhero wanyu uri hafi.

  • Iyi mbonerakure n’umukuru wa UPD Nyakuri apana UPD Zigamibanga! Iyo nyaga yiwe ituzura izomugeza kure kabisa!!! Umuntu w’umugabo aratamikwa ijambo kubera utujumpu na buruguri yabashinwa bamuhendesha! Shame on him

  • Ikintu kimbabaza ku mutima ni kubona abarundi benshi mutagikunda umuntu avuga ukuri!
    1°Umu UPD aba umu DD gute?
    2°Muri démocratie hariho liberté d’expression none UPD gushikiriza point de vu yayo ni icaha giki?
    UPD ifise uko ibona ibintu na CNDD-FDD ikagira uko ibibona!
    lnda benewacu muze tube abarundi bakunda igihugu.
    Guhaya intambara ni guhemukira igihugu kuko gisambutse nitwe n’uruvyaro rwacu kizogora kucubaka bushasha.!
    Mbere naje ndashigikiye uguhinduka kwa Constitution ivya 2015 ntibizosubire kuba ngo Constitution irimwo igipfungu.Ingingo nkoramutima zisigurwe neza mu majambo adacanga umuntu,kandi yubakiye ku gihe ca none n’akarere duherereyemwo!
    Abavyanka namwe ihangane kuko kumbure intsinga za 2015 zo kubona Putsh ntizirahera kumbure murafise ikindi gihugu atari u Burundi.!

  • @januari MKONGWE
    Uyo mukuru wa UPD ashaka kwigana Mutabazi na Jacques Bigirimana.
    Bigira abakatolika kurusha Papa Francois wa mbere!

  • Uwuramvye azobona vyinshi ahobukera Gashatsi nawe buca avuga muzobwira

  • uyu mugabo niwe. iyuvuga ijambo riteza imbere igihugu uraba muri rusangi ico rubanda gwifuza.abarihanze musabwe gushigikira ivyo benewanyu barimugihugu bifuza.

  • Muramuraba neza uwomugabo yiyita ngo nu wa UPD zigamibanga, uwo ntajambo afise nihamwe imigabwe imwimwe ya buze abairongora bakayihereza imburabwenge, uyo atavuzuko Nkurunziza ntiyosubira kumuha ingikoba cingurube.
    Ngo guhindura ibwirizwa nshingiro! urikigugu cumugabo cakaruhariwe kabisa, nkawe uvuga guhindura ibwirizwa nshingiro nguzorambire kubuperezinda! wewe nguzopfa ubaye perezinda, ndakurahiye wewe ntabu perezida uzopfa unyayeko. Icobikoze bazoza baraguhereza udukorokeye hasi.

  • Ridahindutse Muzompinyuze Mwebwe Mwataye Umurongo Murimparurwa Kuburyo Mutazobuza Icuburundi Bukora Narababwiyeko Zikonwa Ziboroga Ndasubiyemwo. Kumajambo Toka, Kurusasu Toka. Muzojahe. Ahubwo Nimwiyahure Hakiri Imigozi. Mbe Wakera Mwenewanyu Mwumba Kontakimwumva Agezehe? Nawe Uzoteba Ukazibe.

  • UPD zigamubusa/zigamubuhakwe

  • UPD zigamubusa/zigamubuhakwe

  • Abarundi mwarataye akabanga!kuvakumuntu yita abandi bamujeri!mujeri n’iki?mwahezango muri base barundi mukirirwa muvugango musengimana,kumana nta mujeri abaho!

  • Eka ntimukoreko abazigamaibanga kweri muri abazigamaamavya

  • Cher Abdoul. Zigamibanga, turisangire. Imyaka yubuja yaraheze ubu dutegerezwa gutera intambwe imbere. Constitution i isubigwemwo.. yamihimbiri yomoka ihenzwe nabahima turabe ko izoryogora dutore ubuhiri. Marina Barampama yataye Brozos yiruka i Bruxelles nwe birmuraba. Urya Murwengezo, mureke agume asara inyuma ya Raajabu ivyiwe vyaraheze!

  • Cher Abdoul. Zigamibanga, turisangire. Imyaka yubuja yaraheze ubu dutegerezwa gutera intambwe imbere. Constitution i isubigwemwo.. yamihimbiri yomoka ihenzwe nabahima turabe ko izoryogora dutore ubuhiri. Marina Barampama yataye Brozos yiruka i Bruxelles nwe birmuraba. Urya Murwengezo, mureke agume asara inyuma ya Raajabu ivyiwe vyaraheze!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.