IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > USA : Hagiye gutanguzwa amatohoza ku ruhara rwa FBI mu kwiyamamaza kwa (...)

USA : Hagiye gutanguzwa amatohoza ku ruhara rwa FBI mu kwiyamamaza kwa Trump

lundi 21 mai 2018

Ubutumwa umukuru w’igihugu wa Amerika Donald Trump yacishije ku rubuga rwiwe rwa twitter yamenyesheje ko ashaka kumenya y’uko abatwaye imbere yiwe aribo batanze itegeko kugira ivyo bikorwe.

Bivugwako ikigo kijejwe igendereza rya Amerika FBI cari gifise abantu bagiha amakuru yabereye mu makoraniro n’amanama yakorwa na Donald Trump, mu gihe c’imyiyamamazo mu kibanza c’umukuru w’igihugu.

Mu mpera z’indwi iheze ,Donald Trump yamenyesheje ko ikigo FBI carungika abantu babasumira urusaku mu murwi warujejwe ibikorwa vyiwe vyo kwiyamamaza kandi vyakorwa ku nyungu za poritike.

Ayo matohoza agiyeho, mu gihe hasanzwe hari irindi tohoza rimaze umwanya ririko rikorwa na Robert Mueller rijanye no gutohoza nimba igihugu c’Ubursiya ata ruhara cagize mu matora yo mu mwaka wa 2016 aho uwaserukiye umugambwe w’Abademokarate Hillary Clinton yatsinzwe.


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.