Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubugiriki: Abantu 60 bapfuye,100 barakomereka bivuye k’umuriro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Mu makungu > Ubugiriki: Abantu 60 bapfuye,100 barakomereka bivuye k’umuriro

Ubugiriki: Abantu 60 bapfuye,100 barakomereka bivuye k’umuriro

Tuesday 24 July 2018, by vianney

Amakuru dukesha iradiyo BBC amenyeshako abantu baba hafi y’umurwa mukuru Athenes bataye ing zabo

Ayo makuru abandanya avuga ko abajejwe gutabara baharurwa mu majana batanguye ibikorwa vyo kuzimya uyo muriro,bikavugwako bariko bakoresha ubwato hamwe n’indege za kajugujugu murico gikorwa.

Abajejwe intwaro aho mu gihugu c’Ubugiriki basavye imfashanyo ibindi bihugu na cane cane vyo k’umugabane wa Buraya kugira bikironse izindi ndege za kajugujugu hamwe n’abajejwe kuzimya umuriro kugira bahangane n’uyo muriro wadutse.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubugiriki Alexis Tsipras yavuze ati:"Tuzokora ibishoboka vyose kugira tuzimye iyu muriro."

Bivugwa ko ibihugu by’Ubutariyano, Ubudagi, Poronye hamwe n’igihugu c’Ubufaransa, vyamaze kurungika imfashanyo y’indege, imodoka hamwe n’abajejwe kuzimya umuriro.

Harihaciye ikiringo c’imyaka ingana 10 habaye umuriro ukaze cane wahitanye abantu n’ibintu mu mwaka w’i 2007 aho mu gihugu c’Ubugiriki.


Vianney BIKORIMANA

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.