IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bumaze imyaka indwi bukuyeho igihano c’ugupfa

Uburundi bumaze imyaka indwi bukuyeho igihano c’ugupfa

lundi 10 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 10 Gitugutu 2016, isi yose irahimbaza ku ncuro ya 14 umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya igihano c’ugupfa. Uwo munsi uhimbajwe mu gihe mu Burundi hashizweho umurwi wiga ingene igihano c’ugupfa cogaruka.

Mw’itangazo ryasohowe n’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu mu karere b’ibiyaga binini, LDGL (Ligue des Droits de la Personne dans la Regions des Grands Lacs) bibukije ko ico gihano c’ugupfa cakuweho mu Burundi haraheze imyaka indwi, ariko ko ubwicanyi ndengerabutungane bukibandanya gukorwa.

Gerturde KAZOVIYO arongoye ishirahamwe LDGL yasavye ko abategetsi b’Uburundi ko bokora ibishoboka vyose, iyo ngingo yafashwe y’ugukuraho igihano c’ugupfa ikubahirizwa.

Tubibutse ariko ko umushikiranganji w’ukwivuna abansi, Emmanuel NTAHOMVUKIYE yabwiye abashingamateka kw’igenekerezo rya 18 Ruhuhuma 2016, mu gihe yari mu nama nshingamateka, ko kugira ivy’ugutembagaza ubutegetsi biranduranywe n’imizi mu Burundi, ko Reta itegekanya guhana bikomeye abarenze amategeko ya gisirikare n’ay’igihugu.

Mu bihano bikomeye NTAHOMVUKIYE yamenyesheje ko vyohabwa abashatse gutembagaza ubutegetsi, harimwo igihano c’ugupfa.

Aho yagize ati : « Mbere hari n’umurwi uriko uriga neza ingene igihano c’ugupfa naho cakuweho mw’ibwirizwa mpanavyaha cosubizwaho ku bantu bakirota gutembagaza ubutegetsi abenegihugu bishiriyeho. »

JPEG - 26.4 ko
Emmanuel NTAHOMVUKIYE, umushikiranganji w’ukwivuna abansi

Ku rutonde rw’abantu bazohanishwa igihano c’ugupfa, umushikiranganji w’ukwivuna abansi yavuze nk’abazokwagirizwa icaha c’ukwica indongozi, akaba ah yatanze akarorero k’abagandaguye Lieutenant Général Adolphe NSHIMIRIMANA nabo bakwiye guhanishwa icaha c’ugupfa.


IGIHE

Messages

  • NAGENDE HARIYA ARIVYOVYO HOBANZAGUHANWA NKURUNZIZA WEWE AGUMAGANDAGURA ABENEGIHUGU NABABANYUSHULE YICA MUNTARA YA BURURI IBUTA

  • Umushikiranganji wukwivunabansi yoba avuga ukuri kuko ashobora kuba yaramaze gushira mungiro icogihano mukugihanisha aboyikeka,kuko haraheze imsi mubo atwara harabazimira bakanazimanganirizwa ubuzima ntihagire ico avuga kandi bikorwa nabo atwara

  • URUCIRA MUKASO RUGATWARA NYOKO Ego nibashireho igihano cogupha kuko ubu butegetsi buhari nibwavaho tuzogikenera kubantu bigize SURIVU . Ejo niheza

  • nibagisubizeho turabe iyorutemba ruja mugabo ntikize gikingira abakuru bigihugu muraziko bayamaze ngo(uwukubita imbeba ntaraba iyihaka)

  • nkumbure bogishiraho namwe mugashikirwa ahubwo nyarutse namwe kibagereho ugira hari utokubitwa intahe mugahanga ?

  • NBESIVYERAWE REKUBA IKIJUJU BIZEYO ABATEGETSI SIBABI BOSE KUVUNGO BOSHIKIGWA NBE NKABASIRIRO UBONA GUTE IBAZE IGIHUGU GIHUNGABANYE WUNVAGUTE UMUNTU AFISE KWIYUNVIRAKUDETA UBU NTABAYARIZE ABASUBWA UBWE NUMUNYAGIHUGU NONE NKUYOGUTE EREGANAWE UVUGUKO HARIGIHE UBAKERA REKA GUKINACHA

  • NBESIVYERAWE REKUBA IKIJUJU BIZEYO ABATEGETSI SIBABI BOSE KUVUNGO BOSHIKIGWA NBE NKABASIRIRO UBONA GUTE IBAZE IGIHUGU GIHUNGABANYE WUNVAGUTE UMUNTU AFISE KWIYUNVIRAKUDETA UBU NTABAYARIZE ABASUBWA UBWE NUMUNYAGIHUGU NONE NKUYOGUTE EREGANAWE UVUGUKO HARIGIHE UBAKERA REKA GUKINACHA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.