IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bwahimbaje ku ncuro ya kane umunsi mukuru wahariwe (...)

Uburundi bwahimbaje ku ncuro ya kane umunsi mukuru wahariwe amakomine

samedi 5 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Therence NTAHIRAJA, umwunganizi w’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu amenyesha kandi ko mw’ihimbazwa ry’uwo munsi mukuru, imvukira z’amakomine zironka akaryo ko gushimira abitanga kurusha abandi mw’iterambere rya komine bavukamwo.

"Ni akaryo ku mvukira za komine k’ugusuzumira hamwe ivyaranguwe, bashimire abitanze kurusha abandi mw’iterambere rya komine, bongere bategurire hamwe imigambi mishasha, n’ukugene bazoyirangura."

Mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bavuga ko uwo munsi mukuru witiriwe amakomine uhimbajwe muri uwu mwaka w’2017 mu gihe hakiri abantu muri ubwo bushikiranganji bita abansi ba demokarasi, barondera kuyisubiza inyuma mu Burundi.

Abategetsi bakuru b’Uburundi bahimbarije uwo munsi mukuru mu makomine bavukamwo, duhereye ku mukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yawuhimbarije muri komine Mwumba asanzwe avukamwo.

JPEG - 104 ko
Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA n’umutambukanyi wiwe bahimbarije uwo munsi mukuru muri komine Mwumba, intara ya Ngozi

Mw’ijambo yashikirije, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yamenyesheje ko Reta y’Uburundi igiye kuduza amafaranga ahabwa amakomine biciye mu kigega FONIC, kugira komine zishobore kudandanya ziteza imbere.

Tubibutse ko nk’uko yabishikirije mw’ijambo ryiwe ry’umunsi Uburundi bwariko buhimbaza isabukuru y’imyaka 51 bumaze buronse intahe yo kwikukira, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yamenyesheje ko intumbero y’uwo munsi mukuru wa komine ari kugira ababa n’abavuka mw’ikomime bahure, bayage, bashime canke bagaye, banegure ivyaranguwe, gutyo bigire inama y’ico bagiye gukora. Petero Nkurunziza yagize ati : "Ivyo bizotuma abantu basubira kwibukana, bibuke ico bamariraniye, urukundo rukomere, maze have ca kinogo catandukanya abize n’abatize. Ikindi naco, ni uko imisi mikuru nk’uwo kwikukira igiye kwama nayo nyene ihimbarizwa mu makomine, gutyo isubire kugira akanovera."

Twobamenyesha kandi umunsi mukuru witiriwe komine wahimbajwe kuri uwu wa gatandatu ku ncuro ya kane, uzokwama uhimbazwa kuwa gatandatu wa mbere w’ukwezi kw’umunani (Myandagaro), uko umwaka utashe.

JPEG - 121.7 ko
Bamwe mu bitavye ihimbazwa ry’umunsi mukuru wahariwe amakomine mu ntara ya Ngozi, komine Mwumba

Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.