IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Intwaro ibereye > Uburundi bwaserukiwe mu nama y’ukurwanya ibiturire yatanguye muri (...)

Uburundi bwaserukiwe mu nama y’ukurwanya ibiturire yatanguye muri Autriche

lundi 6 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

JPEG - 233.8 ko
Reta y’Uburundi yaserukiwe n’intumwa zitatu zirongowe na Serges NDAYIRAGIJE, umushikiranganji ajejwe intwaro ibereye (hagati)

Ishirahamwe ryiyemeje kugwanya igiturire n’ugusesagura itunga rya Reta, OLUCOME risaba inama mpuzamakungu ihuza ibihugu vyateye umukono ku masezerano yo kugwanya igiturire, ko yotora ingingo izotuma Uburundi buzogwanya igiturire.

Mw’itangazo rya OLUCOME, Gabriel RUFYIRI arongoye iryo shirahamwe yamenyesheje ko bibabaje kubona igihugu c’Uburundi kitashize mu ngiro ivyo casabwe mu cegeranyo ca mbere co kuva mu 2011 gushika 2015.

OLUCOME isaba ko muri iyo nama hotorwa ingingo izotuma igihugu c’Uburundi gishobora kugwanya igiturire kuko ivyaha bijanye no kunyuruza amatunga hamwe n’imitahe gushika ubu bitarahanwa.

JPEG - 87.8 ko
Gabriel RUFYIRI, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME ari muri iyo nama yatanguye kuri uwu wa mbere

Inama mpuzamangu ihuza ibihugu vyateye umukono ku masezerano yo kugwanya igiturire yatanguye kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 6 gushika igenekerezo rya 10 Munyonyo 2017 ku mugwa mukuru Vienne mu gihugu ca Autriche. Inyuma y’iyo nama, abahinga ba ONU bakurikiranira hafi ibijanye no kurwanya igiturire bazosohora icegeranyo ca kabiri kivuga uko ukurya ibiturire vyifashe mu bihugu vyateye umukono ku masezerano y’ukurwanya abanyuruza amatunga ya Reta.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Haahah u Burundi ni ubwambere kw’isi mu kurya igiturire,DD muvyo yahimirije indongozi zose z’igihugu nico kiza imbere, asha iyo nama ni uguta umwanya kabisa

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.