IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwasubiye kwibutsa ko (...)

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwasubiye kwibutsa ko imiryango izoterera amatora

vendredi 23 mars 2018

Mu kiganiro abavugizi b’inzego za Reta bahaye abamenyeshamakuru, kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 23 Ntwarante 2018, mu ntara ya Gitega, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati ThérenceNTAHIRAJA ,yamenyesheje ko hagiye gushirwaho ama “reçus” azoba yanditseko “Amatora meza”, azokoreshwa mu gutoza intererano.

Iyo ntererano y’amatora ku miryango y’abakozi ba Reta ije yiyongera ku ntererano bari bagize iminsi batanga ikurwa ku mishahara yabo.

Umukuru w’igihugu, inama nshingamateka, inama nkenguzamateka, ubushikiranganji butandukanye, n’ibindi bisata bikorera mu gihugu, hamwe n’abantu ku gatwe kabo,baramaze gutanga intererano y’amatora, bayicishije kuri konte yuguruwe mw’ibanki nkuru y’igihugu.


Oscar NDAYISHIMIYE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.