IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubushikiranganji bw’umutekano butegekanya gushira mu ngiro imigambi 10 (...)

Ubushikiranganji bw’umutekano butegekanya gushira mu ngiro imigambi 10 gushika mu mwaka wa 2020

mardi 20 Ruheshi 2017

Iyo migambi izoshirwa mu ngiro ni : gutunganya ibikorwa vy’igiporisi c’Uburundi bafatiye ku biharuro, kurwanya amabi n’iterabwoba, kurwanya irwirirana ry’ibirwanisho bito bito mu banyagihugu, gukarihiriza ubwenge abaporisi no gukomeza ubucuti, gukomeza ukwegera abanyagihugu, gufasha mu kubaho neza kw’abaporisi, kwerekana ahashobora kuba Ibiza, igiporisi cegereye abanyagihugu, ibijanye n’igitsina hamwe no gutumatumanako amakuru.

Mu ruganda rwatunganijwe kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 20 Ruheshi 2017, mu ntumbero yo kwunganira no kwemeza igitabo kirimwo ibikorwa vy’ubushikirananji bw’umutekano kuva mu mwaka wa 2017 gushika mu mwaka wa 2020, CP Leonidas KIZIBA umuyobozi ajejwe gutunganya integuro z’ibikorwa mu bushikiranganji bw’umutekano, yamenyesheje ko ico gitabo bunganira gifise akamaro kanini kuko gitanga ishusho y’ubushikiranganji gushika mu mwaka wa 2020.

CP Leonidas KIZIBA yavuze ko integuro y’ igitabo gishasha cerekana ibikorwa vy’ubushikiranganji bw’umutekano gushika mu mwaka wa 2020 ikomeye cane, kuko bisunze ivyari mu gitabo cakoreshejwe kuva mu mwaka wa 2013 gushika mu mwaka wa 2016, ivyo navyo bikaba bitari biteguwe neza baca babifatirako mu gutegura igitabo gishasha.

Umuyobozi ajejwe gutunganya integuro z’ibikorwa mu bushikiranganji bw’umutekano, CP Leonidas KIZIBA yerekanye aho igitabo gishasha gitandukaniye n’ico bahora bakoresha, ati : «Iki gitabo kirahambaye kuko catunganijwe n’abaporisi b’Uburundi bonyene ubwabo, ata muhinga w’umunyamahanga arimwo. Hari imigambi yari mu gitabo twahora dukoresha yatugora gushira mu ngiro kuko abadufasha badusaba gukorera ku migambi igoye gutahura

Umwe mu bagize umurwi watunganije ico gitabo, OPP1 Prime NIYONGABO, yavuze ko ico gitabo kizotuma abaporisi bakorera mu bisata bitandukanye bigize igiporisi c’Uburundi baronswa inyigisho zibungura ubumenyi, ibindi bisata bikaronswa ibikoresho bikwiye bibafasha kurangura neza imirimo.

OPP1 Prime NIYONGABO yavuze ko ishirwa mu ngiro ry’imigambi iri muri ico gitabo rishobora guhura n’intambamyi, na cane cane iyijanye n’uburyo buzokoreshwa.

Urwo ruganda rwari rwitabwe n’abayobozi bakuru mu giporisi c’Uburundi hamwe n’ abajejwe uturere mu giporisi c’Uburundi.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.