IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubushinwa bwatanze imfashanyo y’umuceri ku banyagihugu bugarijwe (...)

Ubushinwa bwatanze imfashanyo y’umuceri ku banyagihugu bugarijwe n’inzara

mercredi 1er Ntwarante 2017, par Egide NDUWIMANA

Ubushinwa bwahaye igihugu c’Uburundi imfashanyo igizwe n’amatoni 5262 y’umuceri, iyo mfungurwa ikazohabwa abanyagihugu bo mu ntara zisinzikajwe n’inzara.

Uwo muceri ufise agaciro k’imiriyaridi 12 z’amafaranga y’amarundi. Igice ca mbere c’iyo mfashanyo cashitse kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 28 Ruhuhuma 2017, kikaba cashikirijwe Martin Nivyabandi, umushikiranganji ajejwe agateka ka zina muntu.

Reta y’Uburundi irashima iyo mfashanyo, ikavuga ko ije hageze, kuko Uburundi bubangamiwe n’ikiza c’inzara catewe n’ihindagurika ry’ibihe.

Reta y’Uburundi ikaba yiyemeje ko iyo mfashanyo izoshikirizwa abanyagihugu bayigenewe.

Umushikiranganji NIVYABANDI arashima kandi imigenderanire myiza iri hagati y’Uburundi n’igihugu c’Ubushinwa.

Ico gice ca mbere c’iyo mfashanyo kikazohabwa abanyagihugu bo mu ntara za Bubanza, Cibitoke, Rumonge, Makamba, Cibitoke, Muyinga, Rutana, Ruyigi, Cankuzo, hamwe na Bujumbura. Umushikiranganji Martin NIVYABANDI akaba yamenyesheje ko umuryango wose uzohabwa ibiro 25 vy’umuceri.

Zhuo Ruisheng aserukira Ubushinwa mu Burundi amenyesha ko iyo mfashanyo ari ikimenyetso y’umuvukano hagati y’abashinwa n’Abarundi, ikerekana ko Abashinwa bifadikanije n’Abarundi muri ibi bihe bugarijwe n’inzara.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga ko Abarundi bagera ku miriyoni zitatu aribo bugarijwe na kigoyi, abagera ku majana umunani akaba aribo basinzikaye cane.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.