IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ubutungane bw’Uburundi bubandanya gusaba ihagarikwa ry’abagirizwa guhirika (...)

Ubutungane bw’Uburundi bubandanya gusaba ihagarikwa ry’abagirizwa guhirika ubutegetsi

mardi 14 Ruhuhuma 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu gihe ku rutonde rw’abatumiwe n’umuhuza Benjamin MKAPA mu biganiro harimwo abaronderwa n’ubungane bw’Uburundi, Parake nkuru ya Repuburika y’Uburundi yasavye ko abagirizwa ugushaka guhirika ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA bohagarikwa, bagashikirizwa ubutungane bw’Uburundi kugira bubakurikirane kuvyo bagirizwa.

Agnès Bangiricenge, umuvugizi wa Sentare ntahinyuzwa avuga ko abaronderwa n’ubutungane bw’Uburundi ari abagera kuri 34 bagizwe na 12 bahora ari intwazangabo mu gisirikare n’igiporisi, hamwe n’abandi 21 barimwo abanyeporitike, abamenyeshamakuru hamwe n’abaharanira agateka ka zina muntu bahurikiye mu mashirahamwe atandukanye.

JPEG - 33.9 ko
Agnès Bangiricenge, umuvugizi wa Sentare ntahinyuzwa

Ubutungane bw’Uburundi busaba ibihugu abo bantu bahungiyemwo ko vyobahagarika, kugira bashikirizwe ubutungane.


IGIHE

Messages

  • Hahahahhhh ivyo nibimenyetso vyo kwanka kuja mubiganiro. Ejo haheze havuze Umuvugizi wa cndd-fdd (Jacques Bigirimana), ejo naho ni l’opposant historique du Cndd-fdd (Jean de Dieu Mutabazi). Hirya yejo naho hazovuga uwundi munyapolitike aterekwa dd (Conciliya Nibigira) iyo buba ubwumwe bwarikindi hihihihiii .Birashushe, imikenyuro muri dd ni irwenda nindwi. Na Nyamitwe ntabona ikarata yokinwa kk saho gutuma umwana. Ubu si Mpfumukeko yatumiye arico gituma amakenga ari yose. Ntibabona ingene bazohangana nibicocoro muvya politike. Ibisigaye ninyendamuvano ya ndyogo kk akantu gato niko kazotuma basohoka muri salle. Ubu hariko haba imikenyuro yabatwara igihugu (abajenero).Icombona iri sango rizoba impfagusa ntimwitege vyinshi .Reka tuze dusubire le 19 hoho nzobagira kumuriri ivyabaye

  • Mbega ahomwanwereye amaraso yabenigihugu ntimurayahaga?, nimba muriko murarota izuba ryaka, birya bihugu vyabakiriye bibasuvyubwenge mwebwe, ati kuki? ubukozibwikibi bwanyu barabuzineza nukugene musoma amategeko muyacuritse barabi cane,none ivyo muvuga bisiguriki ? barya ntabutegetsi bagovye gusenyura, bagovye gutozindero, ibitandero ataco vyubaha, mwibuke amakungu yabahanuye keshi murananirana! ahubwo muca mutorinzira yogutuka amakungu. Barya rero muvuga ngomurarondera barera, ahubwo nimwe musigaye mwirabura mumitima gusuvya imivyiro yinkono, igihe naho bazogomba kuza, bazoza izuba ryaka kandi ntacomuzobagira, mwibuke yuko nkurunziza yari yaraciriwe urubanza rwogupfa, unomusi mbe yararuciriwe?.Nayo Amashiramwe bonabamenyeshamakuru mwahinduye ururimbo rwigihugu muguma murimba, mbega ikibi bakoreye abarundi niki? kuba barasemereye bakavuga ibitagendaneza ngaha muburundi nico cahindutse icaha?, Mbega abirirwa baragandagura abanyagihugu ijoro numurango komwirirwana ngaho mugisagara komutabakomakoma!? nukuri ngahiwacu ntabutungane bukiriho barapfuye, hasigaye igikoreshwa cabicanyi, kigaca ciyita ubutungane, ndabisubiremwo ntabutungane bwukuru bukiri haniwacu!. Ahubwo naje mvugenti na mwe mutoteza intungane mwari mukwiye mubihe vyimbere kuzocirirwa kumukenke kuko mwarahemutse kwibanga ryubushingantahe.

  • MU BURUNDI hariho ubutungane

  • Hhhaahh aba DD muratwengeje,ngo les opposants bashikirizwe leta ya DD?abo mwishe murabahaze none mushaka kwica n’ababahunze?

  • Nibabafate bashikirizwe uburungane atanakimwe gisabwe bitabaye ivyo bitebebitebuke tuzohigura nabababitse

  • ahubwo ubwo butungane nibufate nkurumbi kuko niwe nkwezi y’amabi

  • Non Nibande Bashatse Guhirika Ubutegetsi Bw,iburundi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.